IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge: Igiporisi cafashe ibiro birenga 140 vy’urumogi n’udutabo two gutoza (...)

Kamenge: Igiporisi cafashe ibiro birenga 140 vy’urumogi n’udutabo two gutoza amatagisi

samedi 23 Nyakanga 2017

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko hafashwe ibiro 142,5 vy’urumogi hamwe n’udutabo dufasha gutoza amakori n’amatagisi dufise igiciro c’imiriyoni zirenga 45.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ivyo vyose vyafatiwe ku muhana uri muri quartier Gituro, kw’ibarabara rya gatatu,inomero 107 mu rugo rw’umukenyezi azwi kw’izina rya Francine.

Umuvugizi w’igiporisi yemeza ariko ko atari irya mbere ibintu nkivyo bifatwa , kandi ko amatohoza yamaze gutangura kugira uwo vyafatanywe naho yaciye yiruka afatwe kuko umwidondoro wiwe bawufise.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi asaba abanyagihugu bose na cane cane abo muri zone ya Kamenge kuba maso no gutanga amakuru hakiri kare kugira inkozi z’ikibi zifatwe zishikirizwe ubutungane.

JPEG - 50.4 ko
Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’igiporisi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ariko ko bitumvikana ingene ibintu nk’ivyo bikorerwa mu kibano hanyuma ntibabivuge, akamenyesha ko uwutabishikirije abajejwe umutekano aba ariko agirira nabi igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.