IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Abasore batatu bafatanwe ikawa bagira binjize mu Rwanda

Kayanza : Abasore batatu bafatanwe ikawa bagira binjize mu Rwanda

lundi 10 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abasore batatu bo muri zone Kabarore, komine Kayanza, intara ya Kayanza nyene bafatanwe ibiro 70 vy’ikawa bari binjiranye mu Rwanda, mu kinyegero.

Abo basore bariko bagerageza kwunjira mu Rwanda n’iyo kawa, mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu rishira umunsi w’Imana, nk’igihe c’isaha umunani n’iminota cumi n’itanu, nk’uko bishikirizwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi bavuga ko abo bantu bacibwa urubanza rw’ikibiriraho mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.

Muri iyi ndwi twaraye dusozereeye, hari abandi bantu nabo nyene baciriwe urubanza rw’ikibiriraho, bakaba nabo bari bafanwe ibiro cumi na bitanu vy’ikawa yagira yinizwe mu Rwanda.


IGIHE

Messages

  • Shaa murabarokoye nayahandiho urusasu rwomurwanda rwarirubarindiriye, ndabarwiza ukuri tuzosubira kwidegemvya Rwanda aruko Kagame nakarwikiwe kavuye kwizosi abanyarwanda.

  • Ko badacira urubanza Leta y’icaduka yirirwa irica , inyuruza, ifata abakobwa n’abakenyezi kunguvu! Abo babitewe n’inzara canke bishoboka ko zoba ari imbonerakure zari zahevye gukora amabi bazituma bagaca bazifata!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.