IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kibenga : Igiporisi c’Uburundi cafashe ibidandazwa vya megendu

Kibenga : Igiporisi c’Uburundi cafashe ibidandazwa vya megendu

mardi 9 janvier 2018

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko ivyo bidandazwa vya magendu vyafashwe isaha zitandatu n’igice z’ijoro buca ari ku munsi wa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018 hafi y’ubunywero bita Sagavodo muri zone ya Kinindo .

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ivyo bitenge vyari mu mifuko 4 inzoga nazo zitekeye mu makarato 2.

Iruhande y’Imodoka yari ipakiye ivyo bidandazwa yafashwe,uwo avugira igiporisi avuga ko hari iyindi modoka nayo nyene yarimwo ibidandazwa vya magendu abajejwe umutekano bakirondera .

Mwomenya ko atari irya mbere, muri ako gace ka Kinindo,ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika hafatirwa ibidandazwa vya megendu, kuko mu mwaka uheze hari ibindi bitenge vyafashwe bivugwa ko vyari bivuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.