IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Abantu babiri bapfuye mu gitero c’abasuma

Kirundo: Abantu babiri bapfuye mu gitero c’abasuma

mardi 28 Ruhuhuma 2017

Umugabo azwi kw’izina rya Ezechiel CISHAHAYO niwe yitavye Imana inyuma y’igitero cabaye ku muhana iwe mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 26 Ruhuhuma umwaka wa 2017 , ku mutumba Rambo ,uri muri komine Kirundo, intara ya Kirundo.

Amakuru ava aho ku mutumba Rambo, amenyesha ko Ezechiel CISHAHAYO yitavye Imana kubera ibikomere yakomerekejwe n’abasuma igihe yarik agerageza kubatesha kwiba mu nzu yiwe.

Ayo makuru nyene yemeza ko umwe mu basuma bari baje kwiba nawe yishwe na bagenzi we, bashobora kuba barihenze bakamwica biyumvira ko bishe Ezechiel CISHAHAYO.

Inyuma y’ibitero nk’ivyo vy’abasuma vyabaye mu bindi bice vya komine Kirundo,abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo basaba abanyagihugu kwama barikanuye kugira bateshe abasuma igihe cose boba baje kwiba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.