IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : "Abasuma" bitwaje inkoho zine bafashwe

Makamba : "Abasuma" bitwaje inkoho zine bafashwe

vendredi 31 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE ashikiriza ko hari abantu bane bafatanwe ibirwanisho bitandukanye, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ku musozi Kazirabageni, mu ntara ya Makamba. NKURIKIYE amenyesha ko abo bafashwe ari abasuma.

Abo bantu bafatanwe inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalachnikov, ibikono (Chargeurs) bitanu vy’amasasu, amasasu agera ku 264 hamwe n’imiti.

Mu gihe bivugwa ko abo bafashwe boba ari abarwanyi bari binjiye ku butaka bw’Uburundi, umuvugizi w’igiporisi arabihakana, akamenyesha ko ari abasuma, bose bakaba bapfungiwe mu gasho ka Makamba.

Muri abo bafashwe harimwo n’umukenyezi umwe, nk’uko umuvugizi w’igiporisi abishikiriza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.