IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Umusirikare wa Tanzaniya yapfiriye ku butaka bw’Uburundi

Makamba : Umusirikare wa Tanzaniya yapfiriye ku butaka bw’Uburundi

lundi 18 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bantu babiri bapfiriye mu Kabonga, intara ya Makamba, bahitanwe n’isanganya ryabaye kw’ipikipiki bariko biyungururizako yagonganye n’iyindi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Ayandi makuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade zibiri zatewe ku modoka yo mu bwoko bwa "Camion" yari ivuye mu gihugu ca Tanzaniya.

Iyo modoka yatewe izo Gerenade mu gihe yari ihagaze i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko inyuma y’iterwa y’izo Gerenade, igiporisi caciye gifata amasasu 12 hamwe na Gerenade imwe, munsi y’iyo modoka.

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi abandanya amenyesha ko umudereva w’iyo modoka asanzwe afise ubwenegihugu bwa Somaliya yaciye afatwa ku mvo z’amatohoza.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uwo mu afande yari yajabuze imbibe aja mu Burundi gukora iki gushika aho apfirayo? Canke Tanzania n’Uburundi gisigaye ari igihugu kimwe. Aba Afande ku ruhande rw’Uburundi, Imbonerakure i Tanzania. Ivyo ni ibiki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.