Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel KAFANDO aheruka kugenwa arizewe n’umugambwe CNDD FDD
Michel KAFANDO aheruka kugenwa arizewe n’umugambwe CNDD FDD
samedi 13 Rusama 2017, par
Uwashinzwe amabanga y’ukuba umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi ni Michel Kafando, akaba yahoze arongoye Reta mfatakibanza ya Burkina Faso.
Mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi bavuga ko bakiriye neza igenwa ryiwe, kuko igihe uwo KAFANDO yaserukira igihugu ciwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yakoranye neza n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu, nk’uko bishikirizwa na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD.
- Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Muri uwo mugambwe bavuga kandi ko bumvise ingene uwo yagenwe yitwaye neza, mu mwanya yamaze ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso.
Evariste NDAYISHIMIYE arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yizeye ko Uburundi buzovugwa uko buri : « Twizeye ko azomenyekanisha ukuri kw’Uburundi »
Michel Kafando w’imyaka 75 yabaye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso, kuva mu 2014 gushika mu 2015.
NDUWIMANA