IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mpimba : Abandi batanu mu bagabo cumi bari bafatiwe ku Mutakura (...)

Mpimba : Abandi batanu mu bagabo cumi bari bafatiwe ku Mutakura barekuwe

lundi 13 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi ugira kabiri w’abagabo 10 bari bafatiwe ku Mutakura warekuwe. Abarekuwe ni abandi batanu barekuwe kuri uwu wa mbere bava mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abo barekuwe nibo bari basigaye mw’ibohero, inyuma y’abo batanu basangiye icaha barekuriwe. Barekuwe inyuma y’amezi hafi atanu bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru ava aho mw’ibohero avuga ko barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Abo bagabo batanu barekuwe barimwo Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi, bakaba bari bafatiwe ku Mutakura kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2016. Bose bafatiwe kuri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, kw’ibarabara ry’icenda nomero 59.

Mu gihe abo bafashwe bari bamenyesheje ko bari mu nama y’ishirahamwe ry’ugufashanya bashaka gutanguza, mu giporisi c’Uburundi babagirije ko bari mu nama y’uguhungabanya umutekano w’igihugu, bakagirizwa kandi ko bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.

Sentare yegukira komine Ntahangwa yari yabaciriwe umunyororo w’imyaka itanu, hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.