IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Abanyororo 129 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

Muramvya : Abanyororo 129 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

vendredi 23 février 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko abo barekuwe bari bagizwe n’abagabo 121, hamwe n’abakenyezi 8, bose bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muramvya.

Igikorwa co kurekura abahora bapfunzwe bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu, catangujwe k’umugaragaro n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre NYANDWI, kuwa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, aho abababa 500 barekuwe.

Bitegekanijwe ko abanyororo barenga 2000 bazorekurwa mu mabohero atandukanye mu gihugu, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.