IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Musitanteri wa Komine Kiremba abarizwa mw’ibohero rya Ngozi

Musitanteri wa Komine Kiremba abarizwa mw’ibohero rya Ngozi

samedi 3 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Uwo arongoye komine Kiremba yafashwe hamwe n’icegera ciwe, Michel MUTAMA ajejwe ivy’inkino, bakaba bahagaritswe kw’itegeko ry’umushikirizamanza w’intara ya Ngozi. Bompi bagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Amakuru ataremezwa n’ubutungane bw’Uburundi avuga ko boba bagirizwa ko bashatse kugandagura umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Abo bajejwe intwaro mu ntara ya Ngozi bafashwe inyuma y’urukino rw’umupira w’amaguru rwari rwahuje umurwi wa Alléluia FC umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA asanzwe akinira, hamwe n’umurwi w’i Kiremba mu ntara ya Ngozi.

Abo bajejwe intwaro bafashwe boba bashize muri uwo murwi wa Kiremba abakinyi babiri bakomoka mu gihugu ca Congo, abo bakinyi bakaba batigenjeje neza muri urwo rukino, ayo makuru akavuga ko abo bakinyi babiri mu gusatira, boba bakiniye nabi umukuru w’igihugu muri urwo rukino, ibitanezereje abajejwe gucungera umutekano w’uwurongoye Uburundi, asanzwe ari umusatirizi akomeye w’umurwi Alleluia FC, akaba mbere ari nawe atsindira uwo murwi ibitsindo bitari bike.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.