IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Abigeme 16 boba bari bagiye mu bihugu vy’abarabu bafashwe

Muyinga : Abigeme 16 boba bari bagiye mu bihugu vy’abarabu bafashwe

mardi 19 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko vyemezwa n’igiporisi, abo bigeme bose bafatanwe impapuro z’inzira (Passeports) nshasha, bakaba bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.

JPEG - 99.9 ko
Abigeme 16 bafatiwe i Kobero mu ntara ya Muyinga

Abarundi bagera kuri batatu ku munsi nibo badandazwa mu bihugu bitandukanye, cane cane vyo ku mugabane w’abarabu. Mw’ishirahamwe rijejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu basaba Reta y’Uburundi ko yotegura neza amategeko ajanye n’ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi, kuko ku bw’iryo shirahamwe, bikiboneka ko urudandazwa rw’abantu rukibandanya mu yandi mayeri adasa n’aya kera.

Mw’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya urudandazwa rw’abantu, "Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale : ONLCT Où est ton frère, bavuga mu biharuro bafise, Abarundi barenga 338 aribo bamaze gutwarwa mu rudandazwa rw’abantu kuja uwu mwaka w’2017 utanguye.

Prime MBURUBUKEYE atwara ishirahamwe rirwanya amabi ajanye n’urudandazwa rw’abantu, ONLCT Où est ton frère agira ati : "N’aho tugeze mu kinjana ca 21 ayo mahano aracariho ariko agakorwa hakoreshejwe ayandi mayeri asa n’ayakera."

Prime MBARUBUKEYE amenyesha ko abo barundi bajanwa kudandazwa mu bihugu vya Oman, Arabia Saoudite, Koweit, Australiya, Canada, Amerika n’ahandi. nk’uko bishikirizwa n’iryo shirahamwe, abo barundi bacishwa mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.

Iryo shirahamwe ONLCT Où est ton frère rihamagarira Reta y’Uburundi gutunganya neza ibijanye ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi hamwe n’ugushiraho amasezerano yubahiriza imico n’akaranga vya Afrika, ku bihugu vyo ku mugabane w’abarabu bironderera abakozi mu Burundi,


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.