IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga: Batanu bafatanywe imifuko umunani y’urumogi

Muyinga: Batanu bafatanywe imifuko umunani y’urumogi

mercredi 22 Ntwarante 2017

Abantu batanu nibo bafashwe n’igipolisi mu komine ya Giteranyi, iri mu ntara Muyinga kuwa mbere igenekerezo rya 20 Ntwarante,umwaka wa 2017,bagirizwa kudandaza urumogi.

Amakuru ava mu ntara ya Muyinga amenyesha ko, abo bagabo batanu bafatanywe imifuko umunani y’urumogi ku mutumba Kijumbura,ui muri zone Masaka,komine Giteranyi,intara ya Muyinga.

Ayo makuru nyene amenyesha ko muri abo batanu bafashwe ,harimwo abanyarwanda 4 n’umurundi umwe, urumogi bafatanywe narwo rwagomba kujabukanwa mu gihugu c’Urwanda.

Bitegekanijwe ko abo bafatanywe urwo rumogi bumvirizwa n’ubucamanza ,kugira bahanwe hisunzwe amategeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.