IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Reta ntizokwemera ivyegeranyo bikozwe harimwo abashatse gutembagaza (...)

’’Reta ntizokwemera ivyegeranyo bikozwe harimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi.’’

vendredi 14 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017,Filipo NZOBONARIBA avuga ko Reta y’Uburundi izokwama yiyamiriza ivyegeranyo bikozwe hakorewe ku nkuru z’ibinyoma.

Muri ico kiganiro,Filipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta idashobora kwemeza ko vyose bigenda neza mu bijanye n’agateka ka zina muntu,ariko ko haba akarusho ku munsi ku munsi.

Yavuze ati:«Reta y’Uburundi ntishobora kwemera icegeranyo gikozwe n’ishirahamwe FIDH ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi,kuko ico ishirahamwe FIDH rikorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi

JPEG - 129.2 ko
Filipo NZOBONARIBA,umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Filipo NZOBONARIBA avuga ko ivyegeranyo vyandikwa ku Burundi biba bifise aho bihengamiye,kuko abahinga bavuga ko bakora ivyo vyegeranyo bemera bo nyene ko bakorera ku vyatohorejwe mu bihugu bibanyi.

Umunyamabanga akaba n’umuvuguzi wa Reta akemeza ko Reta izokwemera icegeranyo conyene kizoshikirizwa ku Burundi,ataho gihengamiye.

Mu ntumbero yo gukomeza agateka zina muntu,umuvugizi wa Reta akaba n’umunyamabanga wayo Filipo NZOBONARIBA asaba abafise amabanga bajejwe mu gihugu kudakoresha ibibanza bafise mu guhonyanga agateka ka zina muntu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ariko uyumugabo mbonareba nkufitubwoba kbsa, Mwe mumubona gute?
    WAGIRANGO AGIYEKWIRUKA!

  • Rekura iyo mitunu nawe ngo uravuze

  • Ntwebwe nkabanyagihugu turemera amatohoza abakozwe nayo mashiramwe reta intemera,
    kuko muvyo bashikiriza nivyukuri.
    kutavyemera biruvyikana kuko ayomabi ariko arakorerwa hano muburundi beshi mubategetsi babifisemwo uruhara.
    Muzorabe iyumuvyeyi yatumye umwana wiwe, atigenda hariyahakurya wibe ivyoturarira unomusi, iyo bamuhakije kumufata, ariko ba kavuga mwene naka!? umuvyeyi niwe azotangura kubuwambere guharirira wamwana wiwe.
    Nareta guharira sigitangaza kuko abasazwe bahohotera kiremwa muntu hano muburundi bakorana nu butegetsi, nabamwe basazwe bafise ibibanza bikomakomeye mubutegetsi bwigihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.