IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi: Ibiro 40 vy’ikawa vyafashwe bigomba bijabukanwe mu Rwanda

Ngozi: Ibiro 40 vy’ikawa vyafashwe bigomba bijabukanwe mu Rwanda

lundi 4 Nyakanga 2017

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abagomba bajabukane iyo kawa baciye bayita barahunga.

Haraheze iminsi itanu, imirwi ibiri yari yafatanywe ikawa aho mu ntara ya Ngozi iyishoye mu gihugu c’Urwanda iciriwe urubanz na sentare y’intara ya Kayanza.

Umurwi wa mbere ugizwe n’abagabo babiri bafatanwe iyo kawa,bahanishijwe ugupfungwa imyaka itanu hamwe n’ugutanga ihadabu y’amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana.

JPEG - 218.7 ko
Abaheruka gufatwa bagomba kujabukana ikawa mu gihugu c’Urwanda

Umurwi wa kabiri w’abo bafatanwe ikawa itwawe mu Rwanda ugizwe n’abasore bane bakorera abo bagabo bene iyo kawa. Abo basore baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ugutanga ihadabu y’ibihumbi mirongo itanu umwe wese.

Uko ari batandatu bose baremeye ico caha, basigura ko bashora ikawa mu gihugu c’Urwanda, kuko muri ico gihugu igiciro c’ikawa kiri hejuru gusumba uko biri mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jewe hari ikintu gikomeye cane kandi kimbaza .Mbega abarundi benewacu bazogeza ryari kutumva?Hari umuntu yigeze kugandagurirwa mu rwanda ashoye amatomate kandi leta yari yarabujije abajabukana ibidandazwa mu rwanda , ejo bundi intumva nyene zari zishoye ikawa mu rwanda nyene ubutungane bwaziciriye urwo bikwiranye, non’ehe ntan’indwi iheze ng’izo izindi ntumva nyene zifatanywe iyindi kawa.None ko bayishora igaca ifatwa inyungu yabo irihe? Turashimiye abo bose bitanga cane kugira ubutunzi bw’igihugu cacu ntibujabukanwe mu rwanda.

  • Umuntu afise uburenganzira gushorera ivyiwe ahagomba hose.
    Nukwarabana bakirekereza inkonda kuminwa nicogituma babibafatana,
    ugomba gukorera ivyashara, witegura muburyo bwose, ahutazigera uhura nimbeba munzira.
    Nimba mwohura naho izozakwibuka koharikirenganye numuzigo washitse iyuja!
    Jewe nkozivyashara imyaka 25 ntamu porice canke ngo ni obere baranukira kumuzigo wiwanje never.
    Abanzi baranzi twakoranye Tanzania guhera mumwaka1995 kubandanya, kwinjiza ibintu ngaha muburundi ntivyari vyoroshe abasoda baribeshi kumabarabara, amabariyeri yarakwiye igihugu cose.
    Ntamuntu numwe yigeze afata umuzigo wiwanje kabisa, habi Tanzania uvinza police yakora ijoro numurango yarasinzira ubutikoma abagabo bakarengana, utaracubwenge korera hagati mugihu, uronke utwodukeya ugaya vyishi navyo nivyabanyabwenge.
    Abo bana nibabe bareka kuyubira kugatahe kabo ngo bariko baratwara ivyashara mumahanga, biruko nabandi bazobandanya gufatwa, ivyabo biribwe nabatazobashimira, nagasho namande hejuru.
    Nivyiza gukora wabanje kujabuka amazi manini, aho uzokora umutima urimunda.

  • Reka kuba ugumura abarundi kugira fraude ntagihugu nakimwe kw’isi nzima cemera fraude.Nimba warabigize ntufatwe iminsi y’igisuma iraharuwe.Burya nabo ushobora gusanga bari bamaze igihe bajabukana iyo kawa ariko ntibari bazi ko bafatwa.Uvuz’ukuri abipfuza kumera nk’uko uvuze bazobihanirwa vyukuri hakurikijwe amategeko.Abarundi bavavanure n’ingendo ya fraude.

  • @Nephatlie jewe iyo nsomye ivyo wandika nsanga uri Imbonerakure, erega ikibazo si u Rwanda ikibazo ni inzara n’ubukene biri mu banyagihugu bo ngaha mu Burundi,none ko mu Rwanda hariyo amahera wumva bobijana hehe handi?

  • Nukubonera abobana bariko bihangayikira, kwabotuzi babicana nokukibuga cindege bigakorerwa akantu kobitigera bifatwa?!
    noneho mbabwire ntahuzigera ugira mumodoka igezweho udakoze forode ntikibaho.
    Nabo bitwa ngonabo kurwego rwigihugu nibobambere mugukora forode!
    nayabo bavuga nguwukoze forode rwimisi yigisuma rwiba iharuye, ninde abayivye boba bararonderanye uwomutahe abariko arakoresha?, ha! nayamatagisi bahebagatonda kumurongo kumuryango barindiriye uwitangiye kwinjira rwasohoke, nabobinjire ubahe, utahabonye wohonona kabisa, woteba nayubaha ahuyabura,
    Abobavuguko nibamwe birirwa kwirigara batazi ingene ifaranga rigoye kurondera.

  • Nukubonera abobana bariko bihangayikira, kwabotuzi babicana nokukibuga cindege bigakorerwa akantu kobitigera bifatwa?!
    noneho mbabwire ntahuzigera ugira mumodoka igezweho udakoze forode ntikibaho.
    Nabo bitwa ngonabo kurwego rwigihugu nibobambere mugukora forode!
    nayabo bavuga nguwukoze forode rwimisi yigisuma rwiba iharuye, ninde abayivye boba bararonderanye uwomutahe abariko arakoresha?, ha! nayamatagisi bahebagatonda kumurongo kumuryango barindiriye uwitangiye kwinjira rwasohoke, nabobinjire ubahe, utahabonye wohonona kabisa, woteba nayubaha ahuyabura,
    Abobavuguko nibamwe birirwa kwirigara batazi ingene ifaranga rigoye kurondera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.