IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abishe igisongerezi mu (...)

Ngozi : Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abishe igisongerezi mu giporisi

lundi 8 janvier 2018

Nk’uko amakuru ari ku rubuga rwa Twitter y’igiporisi c’Uburundi abimenyesha, umukozi w’umuporisi yishwe ari mu bahagaritswe n’igiporisi igihe yari aje gutora uwo bategura kwubakana ngo amujane mu gihugu c’Urwanda aho yari yarahungiye.

Ayo makuru nyene amenyesha ko amaze guhagarikwa yaciye avuga n’abo bakoranye ubwo bwicanyi.

Gaudencienne NZIGIYIMANA yakorera ku kirindiro c’igiporisi kiri i Mparamirundi muri komine Busiga, intara ya Ngozi, yishwe acumiswe mw’ijoro ryo kuwa gatatu buca ari kuwa kane, igenekerezo rya 27 Kigarama 2017.

Amakuru yavuye ahi mu ntara ya Ngozi yamenyesha ko umukozi wiwe yoba yacumise uwo mukoresha wiwe, inyuma yaho uwo muporisi afatiye ingingo yo kugabanya umushahara yari asanzwe amuha.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.