IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nivyabandi:’’ Reta y’Uburundi ntizokwemera icegeranyo c’abahinga ba (...)

Nivyabandi:’’ Reta y’Uburundi ntizokwemera icegeranyo c’abahinga ba ONU’’

jeudi 23 Ntwarante 2017

Reta y’Uburundi imenyesha ko itazokwemera icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ibicishije ku mushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI, amenyesha ko igikorwa c’amatohoza y’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi cononekaye kuva mu ntango.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI amenyesha ko amatohoza akozwe mu makambi y’impunzi arayo kwigwa cane , impunzi ziba zahunze igihugu ku mvo zitandukanye,bigashobora gutuma amakuru atanzwe ata kuri kuba kurimwo.

Martin NIVYABANDI arongoye ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu amenyesha ko hari amatohoza yigenga yakozwe na Reta irashikiriza aho ihagaze, ariko nta cegeranyo cigeze kija ahabona, ivyerekana ko hari icinyegeje inyuma yayo matohoza.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI amenyesha ko Reta yiteguye gukorana n’abagira amatohoza, ariko bigakorwa mu nzira nziza.


IGIHE

Messages

  • UWO AKORANA NA RETA NTAKUNDI YOBIVUGA

  • Uko nukuri ninde atazi ko iyo abantu baja gusaba ubuhungiro babesha bakavuga ibitarivyo kugira babakire. Nkakarorero abantu baja gusaba ubuhungiro mu bihugu vya buraya, America na Africa yepfo baba batwawe no kurondera akazi canke kwiga kugira bakirwe bavuga ko imbonerakure zabakubise uwufise inkovu akerekana iyo nkuvu avuga ko zari imbonerakure zagomva kumutema. Abo nabo bari mu makambi ntawokwirengagiza ko hari abatwawe nubukene nubwo atari bose abandi nabo bibaza ko bazoca batwarwa muri America canke Australia na cane cane abari muri Kenya na Tanzania. Ikindi naco ni gute umuntu yogomba ukuri akoresheje impuzi nta mpunzi ivugisha ukuri ivuga yisunze inyungu ishaka gushikako ( biased stories and fake that’s what they give as their testimonies)

  • Ahubwo reta niyo itanga ibinyoma kuko ONU ntanyungu ifise yo kubesha ikora inshingano zayo.

  • mu vyukuri Impunzi mu gusaba ubuhungiro benshi barabesha. bakabeshera igihugu ca bibaruce ni ntworo yi gihugu.ndafise akarorero ku mugore yahunze ava mu Burundi mu 11/2025.ashikira mwi kambi yi mpunzi Nampura MOZAMBIQUE. Yahamaze amezi icenda. Aca aza muri Afrique du Sud afise Inda ya mezi ane yakuye muri Muzambique yu mugabo yitwa Kamwe kandi ayemera. Nti cabujije mu gusaba ubuhungiro kwa besha kwariho agishika avuye mu Burundi ya korewe ivyamfurambi na bajejwe umutekano hamwe ni Mbonera kure. kandi mu Burundi ya kundana ni mbonerakure banavyaranye umwana. ntakibi na kimwe ya korewe mu gihugu.Raporo ONU ibaza impunzi nyishi ni binyoma.Nkanje na shice Sud Afrique muri 2011. nta murundi yaro nka ubuhungiro vyoroshe. ba kubwira ko mu Burundi ara mahoro. Benshi twiyiriye ibihugu vyari mu ntambara. Uburundi nti Burira busema kuri co cegeranyo ca ONU.

  • Kababanye nimurindire babarengutse ntakundi

  • Ariko muratinya iki? Mureke habeho iperereza

  • Mu vyukuri Impunzi iyo ziriko zisaba ubuhungiro kenshi zirabesha. Akarorere haru mugore yavuye i bujumbura aherekeje mugenziwe i Mozambique agiye kurongogwa. mu 11/2015. agezeyo akundana nu muhungu yitwa Kamwe, arasama Inda. mu nkambi yi mpunzi ahitwa Nampula, ya hamaze amezi i cenda. hanyuma aza Afrique du Sud afise inda ya mezi ane. Mugusaba ubuhungiro ya beshe avuga kwa hunze amabi yakorewe na bajejwe umutekano ni mbonerakure. kandi ya size avyaranye ni mbonerakure ba kundana.Umwana arenza imyaka i tanu. ariko ya vuze kwa riho akiva mu Burundi yakorewe i vyamfurambi ba mutera niyo Nda. Aririza amosozi yu budyadya kugira yu mvigwe. none uko su gutukisha Igihugu ca kwibarutse ni ntwaro. kandi ari binyoma? ONU irahikebuka. kuko vyishi ari ibinyoma. Ndamukeje Umushikiranganji kuba abizi ko bibaho. Nkanje na vuye mu Burundi nje kuronde ubuzima ico gihe ku Barundi nti vyari vyoroshe ku ronka ubuhungiro kuko i gihugu cari mu mahoro. twiyitira ibihugu biri mu ntambara. uko niko impunzi zibesha. Murakoze.

  • Jewe uwo mushikiranganji wa Nkurunziza arantangaza, kubavuga yuko amatohoza akozwe na ONU kobatazoshobora kuyemera!, bemere ntibemere amatohoza akozwe na ONU niyo matohoza duhora dusanga arayukuri. Nayamatohoza akorwa nabomuri reta ntakuri yigera abonekanamwo kubera abahungabanya agateka kazina muntu beshi nabo mubutegetsi, none boshobora kwimena ijisho?, iciyumviro ca ONU cokwumviriza impunzi nivyiza kubera beshi bahunze bahuye ningorane zikomeye, bamwe bagizwibimuga ntabihimba vyirondoka bagifise, abandi baravunaguwe ingingo zumubiri nigi Porice abandi bagizwibimuga nimbonerakure. Nkubwivyo Reta ntishobora kunezerwa mugihe hokumvirizwa impunzi, barabizi nabonyene ivyobakoreye abenigihugu kwatarivyiza.

  • ivyo uwo mushikirangaji avuze nivyo ntawabiharira naje kugira mpabwe ubuhungiro najewe abanyakiriye babwiye ko nintabesha ko reta igira inyice mpunze igiporisi nimisole ishigikiye reta kwatabuhungiro mpabwa.kandi nivyo naciye ndaburonka.haruwitwa haragakiza imusenyi atavuze nkuko bamutekesheje umutwe yemwe ntabuhungiro yahawe .kuko atabeshe ubu arimusenyi iwabo ingozi.nibemere ivyo reta ibabwiye nabayagihugu bari mugihugu.

  • None babaze nde?Reta?Canke abasigaye i Burundi?Oya ntivyoshoboka gusa uko bimeze kose umuntu arinze yitwa impunzi haba hariho ico ahunze.Aho twokwibaza kuki impunzi zuburundi zigwira aho kugabanuka? None tuvuge ko bose bahunga ubusa?Oya icobahunga kirahari,ntawohunga umutekano namahoro ngwaje kuba mubuzima bwubuhunzi nereke kubesha.

  • Abobahinga Bambika Ibara Inzegozumutekano Kobabona Ivyo Muburundi Ivyo Murwanda Batabibona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.