IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME iranegura ingene igikorane c’umugambwe CNDD FDD catunganijwe

OLUCOME iranegura ingene igikorane c’umugambwe CNDD FDD catunganijwe

jeudi 17 Myandagaro 2017

Mw’itangazo rya OLUCOME ryo kuwa 17 Myandagaro 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko uburyo bukoreshwa mur’ico gikorane haba amafaranga canke ibindi bikoresho biva muri Reta bigaharurwa mu mafaranga ashika imiriyoni 80 y’amafaranga y’amarundi hadasizemwo igitigiri c’abantu bitaba ico gikorane.

Muri iryo tangazo ,Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko uburyo bukoreshwa mur’iryo tunganywa ry’ico gikorane hamwe n’umwanya bitwara ko ari gusesagura amatungo n’uburyo bwa Reta kuko ata tegeko rya Reta ririho ribitunganya.

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko ivyo bikorane vyotunganywa mu misi y’impera y’indwi kandi ntihasesagurwe uburyo bwa Reta hamwe n’umwanya w’ibikorwa .

Muri ryo tangazo OLUCOME irangiza isaba Reta y’Uburundi ko yoshiraho itegeko ritunganya ibikorane kugira vyame bitunganywa mu mategeko babone kurwanya ivyoza bigabanya umwimbu w’igihugu .

Mwomenya ko mu cigwa giheruka gukorwa ,ibiharuro vy’ ikigega mpuzamakungu (FMI) vyerekana ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu 3 bikenye kw’isi aho umunyagihugu w’umurundi yinjiza amadorari y’abanyamerika angana 284 ku mwaka.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.