IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta kugabanya amakori atozwa ku gitoro

OLUCOME isaba Reta kugabanya amakori atozwa ku gitoro

jeudi 1er Ruheshi 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuwa 31 Rusama 2017, ryateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI, iryo shirahamwe rimenyesha ko ubukene bw’igitoro n’ibindi bikenerwa nk’imiti iva hanze buva ku bukene bw’amafaranga y’agaciro atayahari mu Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ingaruka zose zivuye ku bukene bw’amafaranga y’agaciro mu gihugu hamwe n’ubukene bw’igitoro zikora ku munyagihugu muto w’umurundi,kandi adashobora gutorera inyishu ico kibazo.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta rigasaba Reta ko yofata ingingo yo gushiraho ikigega c’igitoro yokwikirako mu gihe habaye ubukene bw’igitoro, hakoreshejwe amafaranga ashika imiliyaridi 29 ategekanywa y gusahiriza mu gisata c’imibano.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta gushira imbere kwunguruza igitoro bagicishije mu nzira zo mu mazi, igashira kandi umuco mu rudandazwa rw’amafaranga y’agaciro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.