IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza gutumako ibiganiro mu maguru (...)

OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza gutumako ibiganiro mu maguru masha

vendredi 15 Nyakanga 2017

Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha w’umuhuza kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nyakanga 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko rifise amakenga ashingiye ku kudashaka kwa Reta n’abayishigiye kwitaba ibiganiro atawe bikumira.

Kubwa OLUCOME, kuba Reta n’abayishigikiye badashaka kwitaba ibiganiro atawe bikumira, ni agatima ko kwigungirako, ako nako kagatuma abantu bashika imiriyoni 12 baba mu gihugu batabona ico bagiye gukora kubera ubukene bubugarije.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko abanyeporitike bamwe bamwe cane cane abari muri Reta basa naho bashigikiye ibiganiro ariko kuvy’ukuri batabishigikiye, ivyo bakabikora kugira bakingire inyungu zabo gusa.

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’Ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza mu biganiro vy’abarundi, gukurikiranira hafi kandi mu maguru masha uwo mukino wa poritike wo kwigungirako.

Ishirahamwe OLUCOME ryanditse iri kete, mu gihe mu rugendo aheruka kugira mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 6 Nyakanga 2017, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yabonanye n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa.

Muvyo bavuganye n’umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA, umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yamenyesheje ko ashobora gutumako ibiganiro mu kwezi kw’icumi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.