IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umukuru w’inama nshingamateka gufasha guhagarika intererano (...)

OLUCOME isaba umukuru w’inama nshingamateka gufasha guhagarika intererano igenewe amatora

lundi 29 janvier 2018

Mw’ikete iryo shirahamwe ryashize ahabona kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2018,Gabriel RUFYIRI amenyesha ko, iryo tegeko ryasohowe n’ubushikiranganji bubiri riciye kubiri n’ibwirizwa shingiro, kuko ritubahirije uko amafaranga ya Reta atozwa, ibijanye n’amafaranga Reta ikoresha, hamwe n’amategeko ajanye n’amafaranga atozwa haba mu makomine canke mu gisagara.

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME asigura ko amategeko yerekana ko intererano isabwa abanyihugu igihe habaye ikiza mu gihugu, nayo afatiye uko biri ubu,umunyagihugu azosanga ariko aterera intererano incuro zirenze 4.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME ryerekana ko umunyangihugu azotanga iyo ntererano ubwa mbere mu gutanga amakori n’amatagisi,ubwa kabiri mu gukatwa amafaranga ku mushahara wiwe,mu gutanga amafaranga basabwa n’ubushikiranganji kugira buterere muri ayo matora, hamwe n’amafaranga umuvyeyi atangira umwana wiwe akwije imyaka yo gutora.

JPEG - 64.2 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME riheza rivuga ko mu gihe amafaranga agenewe amatora atigeze amenyeshwa, abanyagihugu bariko baribwa amafaranga yabo.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.