IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umurwi ukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano mu kiringo (...)

OLUCOME isaba umurwi ukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano mu kiringo c’imyaka 10

dimanche 19 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe OLUCOME risaba ibiro vy’umuhuza, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, gusaba Reta y’Uburundi ko itohindura ibwirizwa nshingiro imbere y’uko ibiganiro bibera I Arusha bihera.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta ryasohoye kuri uno wa gatandatu , igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, rimenyesha ko ritewe impungenge no kuba hari uruhande rwagiriza umuhuza kubera yakoze igikorwa uko yategerezwa.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko Reta itategerezwa gusiba mu biganiro kubera itagishijwe inama mu gutumira abaja mu biganiro ,kandi kw’isi yose ataho vyabonetse ko uwufitaniye amatati n’uwundi agira uruhara mu gutumira abaja mu biganiro.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rirashimira umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa kuba yarasavye ko ibwirizwa nshingir ritohinduka gushika ibiganiro bibera I Arusha biheze,rigasaba kandi ko ikibazo c’ibiringo n’ubutunzi bw’igihugu vyokwigwa neza mu biganiro.

Mu kurangiza ishirahamwe OLUCOME risaba ko hejuru y’ibibazo 8 vyigwa mu biganiro, boshirako ikindi kijanye no gushiraho umurwi wokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ivyumvikanyweko kumara imyaka 10.


IGIHE

Messages

  • Nyakubahwa, Mukuru wa OLUCOME wavuga nuko ubwira abatumva, amatwi yabo yamaze kuba ibihurungutwi.

  • ahaaaahaaaahaaa ewe nzeyimana eka urikigwari nkarufyira.ibwirizwa nshingira dutegerezw kurihindura nivyabanyagihugu dusaba.abo banyamahanga mwitwaza barareka kudufasha urabeko bidashoboka vyose.

  • mbe afririka yose kwibwirizwa shingiro rihinduka muburundi nihoritohinduka twarikukiye ntitugitegekwa nabanyamahanga ibwirizwashingiro nirihinduke kandu burundi buzotwangwa nuwimanibuhaye ngwaburongore ntibuzotwagwa na arusha cankengo butwagwe nibwirizwa shingiro uburundi buzoyobogwa nimana yaremyisinijuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.