IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Abaporisi bakwiye kwigishwa itegeko rishasha rigenga akazi (...)

PARCEM : Abaporisi bakwiye kwigishwa itegeko rishasha rigenga akazi bajejwe

jeudi 27 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umukuru wa PARCEM yamenyesheje ko mu gihe hamaze imisi hari ivy’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu, iryo tegeko ryigishijwe abaporisi ryogira akamaro. Muri PARCEM bavuga ko kubona hari abaharira ku vyegeranyo biba vyasohotse, bidatanga inyishu, muri iryo shirahamwe bakavuga ko itegeko rishasha rigenga igiporisi ryubahirijwe, ibirimwo bigashirwa mu ngiro, ko vyofasha kugira ivy’ugupfunga abantu hadakurikijwe amategeko bisezererwe.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko igihugu icarico cose kw’isi bagisuzumira uko igiporisi caco gikora, kuko mu kazi kaco ka misi yose, igiporisi gitegerezwa gukingira abanyagihugu, kigakorera ku mategeko akigenga yaba ayo mu gihugu canke amategeko mpuzamakungu igihugu kiba cateyeko igikumu.

JPEG - 46.9 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Kubwa PARCEM, bimwe mu bigize iryo tegeko rishasha bikwirikijwe vyofasha guteza imbere agateka ka zina muntu, aho Faustin NDIKUMANA akavuga nk’ingingo ya 312 ivuga ko igiporisi mu kazi kijejwe, kizira ko berekana ko bakorana n’umugambwe canke umugwi runaka. Mu bindi biri muri iryo tegeko, ni nk’ingingo y’312 nayo ikaba ibuza inzego z’igiporisi guhohotera agateka ka zina muntu, uwurenze iryo tegeko agahanwa hisunzwe amategeko.

Mu bijanye n’itohoza ry’ivyaha vyakozwe, bigakorwa n’inzego zibijejwe, hakaba itandukaniro ry’abajejwe igendereza bakagira aho bashitsa mu bikorwa vyabo hamwe n’aho igiporisi c’inyamiramabi gishitsa mu gutohoza y’ivyaha hamwe n’aho abaserukira ubutungane bashitsa.

Ikindi kiri muri ryo tegeko cofasha kugira agateka ka zina muntu gatere imbere, muri PARCEM bavuga ingingo ya 12 ivuga ko igiporisi gitegerezwa gukorera mu muco, ubusho bukagenderwa kugira abapfuzwe bashobore kuganira ku mugaragaro n’ababo. Ingingo ya 80 nayo y’iryo tegeko isaba ko igiporisi gitegerezwa gukora ibishoboka kugira abanyurujwe batorwe.

Muri PARCEM basaba ko iryo tegeko rishasha ryokwigishwa kugira abaporisi barimenye, rishobore kuba intango yo guhinduka ingendo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.