Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yashikirije ibikwiye gukosorwa mw’itunganywa ry’amatora
PARCEM yashikirije ibikwiye gukosorwa mw’itunganywa ry’amatora
vendredi 25 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Rusama 2018,Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko bimwe mu bikwiye gukosorwa ari nk’ibijanye gutanga uruhara rungana ku bantu bose bagengwa n’amatora,umuco mu bijanye no guharura amajwi hamwe no kuba hari indorerezi zikwiye ataho zegamiye adasize inyuma uko abamenyeshamakuru boza barashikiriza neza uko amatora agenda.
Muri ico kiganiro,Faustin NDIKUMANA yavuze ko guhindura amategeko atari bibi ariko vyari vyiza ko mu kuyahindura hashirwa imbere ibibazo vy’abanyagihugu kugira bitorerwe inyishu.
Faustin NDIKUMANA yavuze ati :« Ko amategeko ahindurwa hari ikizohinduka mu vy’agateka ka zina muntu ? ubukene,igiturire,agashomeri kari mu gihugu bizoca bitorerwa umuti ? »
Uwo mukuru wa PARCEM atera akamo ko hokwama haba ibiganiro kuko bitahari hazoguma hari agahombo kanini.
BIKORIMANA Vianney
Messages
25 mai 2018, 14:30, par Jeremie
Komera Mutama Mwavuga Nuko Muhanura Intumva