IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yashikirije ibikwiye gukosorwa mw’itunganywa ry’amatora

PARCEM yashikirije ibikwiye gukosorwa mw’itunganywa ry’amatora

vendredi 25 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Rusama 2018,Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko bimwe mu bikwiye gukosorwa ari nk’ibijanye gutanga uruhara rungana ku bantu bose bagengwa n’amatora,umuco mu bijanye no guharura amajwi hamwe no kuba hari indorerezi zikwiye ataho zegamiye adasize inyuma uko abamenyeshamakuru boza barashikiriza neza uko amatora agenda.

Muri ico kiganiro,Faustin NDIKUMANA yavuze ko guhindura amategeko atari bibi ariko vyari vyiza ko mu kuyahindura hashirwa imbere ibibazo vy’abanyagihugu kugira bitorerwe inyishu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati :« Ko amategeko ahindurwa hari ikizohinduka mu vy’agateka ka zina muntu ? ubukene,igiturire,agashomeri kari mu gihugu bizoca bitorerwa umuti ? »

Uwo mukuru wa PARCEM atera akamo ko hokwama haba ibiganiro kuko bitahari hazoguma hari agahombo kanini.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.