IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yerekanye ivyokorwa kugira igisata c’ubutare gifashe abanyagihugu (...)

PARCEM yerekanye ivyokorwa kugira igisata c’ubutare gifashe abanyagihugu n’igihugu

jeudi 25 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 25 Nzero 2018, Faustin NDIKUMANA yavuze ko izo ngorane ari izijanye n’umuyagankuba,icuka ciza ca poritike,ingorane z’amahera y’agaciro hamwe n’ishusho igihugu kiba gifise ,bituma abagwizatunga batazana imitahe mu gihugu.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko ivyo korwa kugira ubutare buriko buracukurwa hamwe n’ubutaracukurwa bugirire akamaro abayanyagihugu n’igihugu,aruko amashirahamwe ahabwa isoko ryo gucukura ubutare yoshirwa ku mugaragaro n’amasezerano yashizweko umukono akamenyekana.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati :“Kugira ubutare bugire akamaro, hoba gukorera mu muco,abantu bahawe amasoko yo kubucukura ,bakamenyekana, hakamenyekana n’ubushobozi bafise n’ingene batowe, kandi n’amasezerano akamenyekana.”

Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko hari ibindi bihugu vyo muri Afirika vyacukuye ubutare ariko ata nyungu vyazaniye igihugu n’abanyagihugu,ubutare bumaze guhera igihugu kigaca gisubira inyuma muvy’ubutunzi.

Ibindi vyofasha kugira ubutare bushobore kugirira akamaro abanyagihugu ,muri PARCEM bavuga ko haba Reta canke ishirahamwe ryahawe isoko vyose vyerekana kimwe ku ruhande rwaco ico caronse .

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko umunyagihugu adakeneye kumenya ibiri mu masezerano ariko akeneye kumenya inyungu yavuyemwo.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM aheraheza avuga ko iyo amafaranga yavuye mu butare yabonetse ,inzego zibijejwe zica zikorera hamwe kugira azamure ibisata bitandukanye vy’igihugu.

Ibiharuro vyo mu mwaka wa 2014, vyerekana ko igisata c’ubutare mu Burundi gitanga umwimbu ungana na 1 kw’ijana mu mwimbu uva mu gihugu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.