IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM yerekanye ivyokorwa mu kugwanya ibura ry’akazi

PARCEM yerekanye ivyokorwa mu kugwanya ibura ry’akazi

mardi 1er Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu cegeranyo ishirahamwe PARCEM casohoye buca hahimbizwa umusi wahariwe abakozi n’akazi, Umukuru w’iryo shirahamwe, Faustin NDIKUMANA amenyesha ko Reta ariyo iza ubwa mbere mu gushinga ubuzi no kugwiza ubuzi mu gihugu, haba mu bisata vya Reta hamwe no bisata vy’abikorera utwabo.

Faustin NDIKUMANA amenyesha kandi ko kugira ibura ry’akazi rigabanuke ari uko kubatanga ubuzi bonagura amashirahamwe ya Reta kugira atere imbere ,gushigikira abikorera utwabo, nayo abasaba akazi bakitaho inyigisho zikwiye zijanye n’imyuga itandukanye.

JPEG - 107.1 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Mu vyokorwa, harimwo kandi kwigisha urwaruka ivyorugirira akamaro bitandukanye, atari kurukwegera muvya poritike gusa, hamwe no gukarihiriza ubwenge abantu bose ku rwego rw’igihugu, abize n’abatize.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ego birateye agahinda kubona ibice 58 % vy’urwaruka rudafise akazi. Jewe ndavye amahera Reta iha buri mwaka ama"Institutions publiques" yaba yakoreshwa neza n’abajejwe ibigega (DAF), aba D.G. canke abashinzwe amasoko, urwaruka rworonse ubuzi kuko amahera menshi aherera mu mifuko y’abategetsi n’abo baha amasoko. Ministère ya Bonne gouvernance n’iya Finances nice mu ma Institutions publiques irabe ingene itangwa ry’amasoko rigenda izosanga ari akamaramaza. Institutions publiques zikora "bilans" chaque année ni izihe ? Bazoreka budget ya Reta ibe géré ukwo uwutwara ashaka canke DAF uko abibona bigende gute ? Tugire bonne gestion ubuzi buzoboneka abakozi kandi bahembwe neza. Syndicats nazo il faut qu’ils dénoncent ba kaboko hanyuma akazi gatangwe dans la transparence.

  • ariko nibarize abayobozi b’iki kinyamukuru igihe,mumbwire namwe musigaye mwarabaye imbonerakumwe kubera iki mwanga guhitisha ibyiyumvire byanjye kandi ntanumwe mba narengeye akarimbi.mugomba kwisubira ko akamaramaza inyandiko mwaretse zikarengana kururiya mwigeme bagandagaruye mu Ngagara ibintu nkabiriya mukareka bikwandikwa muri icyi kinyamukuru cyanu ntanisoni mugira, canke muvuge ko mwabaye nkabashobuja imbonerakure. umva rero mwisubire ho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.