IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA : "Ivy’abarundi ntibiribwa!"

Petero NKURUNZIZA : "Ivy’abarundi ntibiribwa!"

mercredi 21 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi igiye kwitwarira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, kuko nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, iryo shirahamwe ntiryubahirije amasezerano ajanye n’uguhemba abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Uburundi budashobora kwihanganira kubona abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya bamaze amezi agera kuri cumi na kumwe badahembwa, ibitandukanye n’amasezerano Uburundi bwateyeko umukono hamwe n’ubumwe bwa Afrika, amasezerano avuga ibijanye n’uguhemba abo basirikare.

JPEG - 55.2 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Uwo aramutswa igihugu c’Uburundi yagize ati : "Ivy’Abarundi ntibiribwa. Kandi burya Abarundi turafise ingabire ikomeye cane ngaha mw’isi.. Ingabire y’ukuburana. Tuzoburana, tuzobatsinda. Bazoruhuka bayaduhaye, mbere baduhe n’indishi y’akababaro. Ntituzoruhuka batayaduhaye, n’ukudushumbusha birimwo."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabishikirije kuri uwu wa kabiri, mu birori vy’abasirikare, abaporisi hamwe n’abo mw’igendereza bariko bipfuriza umwaka mushasha w’2017 umuryango w’umukuru w’igihugu c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Yamaze guca urubanza yuko Uburundi buzoronka indishi yakababaro kubera abasoda bábarundi bataronse amahera yabo!!!!! Ewe Nkurunziza nawe uri igitanganza

  • Bazoyaduha Kuko Abasirikare Bacu Barakoze,ntakubatubikisha Umukanda Kandi Baritanze

  • Kubera bakoze akazi batumwe biciye kandi bikurikije amategeko nta nkeka ko bategerazwa guhabwa uburenganzi bwabo. Mu misi iheze havurwa ko Reta ariyo iyacisha kuw’inyuma. Ubu hoho ikinyoma kirakubitiwe ku mugaragaro.

  • Nibaba Hereze Agahembokabo Kukobarayakoreye Kandi Umukoziaberwa Nimpembo

  • hamagara abo basoda batahe nayo kwiyambika ibara ngo urafise imanza jewe mbona uriko wisuzuguza. mbega uzoburana gute utakiva aho wicaye????????????????

  • @Kaningo,
    Ntibakubwira ko hariho urubanza dushobora nogucibwa numwana nurwo rwabasirikare babarundi batarahabwa agashirukabute kabo bemerewe numwana yoruca handese igihangange mpuz’Amakungu nyenicubahiro umukuru wigihugu cuburundi Petero Nkurunziza (Marishali)

  • Mutama Ntimuburane Kumafaranga Gusa Muratuburanira Nokuri Yafashanyo Baduhagarikira Babandanye Kuyiduha Kuko Inzara Nuruzuba Biri Mukuduhitana Nayo Ayo Mafaranga Nubwo Boyabaha Twebwe Abanyagihugu Batobato Ndumva Umengo Ntaco Azodufasha

  • Nibabahembe Umushahara Wabo Nayo Kwanka Umuntu Akanka Nigihugu Avamwo Na Kamaramaza ! Ivyo Nivyo Vyerekana Ko Bahengamye Bakwirikira Ivya Cnard Aribo Baba Birigi !

  • Nibabahembe Umushahara Wabo Nayo Kwanka Umuntu Akanka Nigihugu Avamwo Na Kamaramaza ! Ivyo Nivyo Vyerekana Ko Bahengamye Bakwirikira Ivya Cnard Aribo Baba Birigi !

  • None bayabimiye iki? Noneho UA nayo iri mu bansi b’Uburundi? Abasirikare bacu bakwiye guhembwa, ubwo buryarya burarenze urugero. Ni baba bunze inama n’Ubumwe bwa Bulaya ngo batukishe Nyen’icubahiro, ni babashire nu ntahe imbere y’amakungu baturihe!

  • Jewe Mbona Ko Mufpa Ubusa Kuriyi Si!! Mbega Ko Murinda Gutukana? Iyo Umuntu Akoze Agirwa Nimpembo, Kandi Baritanze.

  • jewenumva nyakubahwa yavu
    zeneza.Nibahembe abobasoda.Ahubwobaragayana.

  • murakoz nyakwubahwa muhabake bayazane bayabimirki mukomer tumyumayanyu

  • hhhh ge njya Mbona ibyabarundi nkabona bamwe muri mwe ntandero mugira nibwo mbonye abantu mwifata mugatuka umukuru w’igihugu cyanyu ubwo se umuti nugutukana sha kurya abanyarwanda turiyubaha uziko nta mu nyarwanda ufite umuco wakubahuka ngo atuke umukuru w’igihugu cyacu kirazira kikaziririza yewe numusinzi cg umusazi ntibacikwa ngo babikore niyo mpamvu ngira nti banyarwanda dukomeze umuco wacu twiyibahe hari umuzungu w’inshiti yange twaganiraga yahora aba i burundi ahamaze imyaka 6 kuburyo nikirundi acyumva akanagisoma yambwiye ikintu nsanga nivyo yagize ati ka twemere ko umukuru w’igihugu cy’ubundi wenda atari shyashya !!!! Ati ariko se nanone ninde wafasha cg washyikira umuntu nawe ubwe atiyubaha mukanwa hahoramo gutukana anyerekeka abari impande yacu banywa inzoga arambwira ati ka uze wumve mbacokoze aba asuhuje umwe muribo nabo bati erega abarundikazi turi beza dore nabazungu badusuhuje nyuma arambwira ati ngaho iyumvire nkuyu kumusuhuza akibeshyera ko yakunzwe kandi twe tubiga ubupfapfa bakorera hano i kagali ukibaza uti ubu aba nibo bategeka i burundi !!!!!! Twe tugira amahirwe umuyobozi wacu kuba atugira inama ko iyo utiyubaha ntawakubaha nasanze ari ukuri kwemye

  • Ubu nanone nu Rwanda rutuma abasitikare babarundi badahembwa?

  • mbega bamwe bababesha ngo amahera yo guhemba abasirikare bari muri somalia leta niyo gayanyuruje aho ntibamaramaye? muntu utazi ivy’uburundi winumire aho guhendwa naba sina Head ngo muronse inkuru. uburundi si congo kandi mubimenye. kirimwo abagabo. ushatse uvyemere ataruko uzoguma ukirabisha ijisho gusa. ariko ba sindumuja mwarakoze kudukangura mukutwiyereka abo muribo. turimaso kalibu. umurongo ntarengwa nibazako ufise impande zibiri. rengane muze kabisa tuzobakira.

  • Nakomere Nababuranye Gose Kuko Ntivyuvmikana Kobareka Guhemba Abasikare Bacu

  • nyumvira ico kinyoma,yaco muhenda abanyagihugu,none mu nteko mvamakungu zose zizri muri Somalie kuki iz’u Burundi arizo zonyene zidahembwa?amahera ya mbere mwarayariye,ikindi kandi ni uko Ubumwe bwaburaya bwanse ko ayo mahera aca mu minwe ya leta y’u Burundi,mumaramararire hiyo,ujinga ni mzigo kweli

  • FIFA: U Rwanda ruzamutse imyanya 9 rusubira mu 100 bya mbere ku isi
    Imikino | Yashyizwe ku rubuga na Chief Editor Kuwa 22/12/2016 Saa 11:37
    Comments

    Urutonde ngarukakwezi rwa FIFA rwasohotse kuri uyu wa kane. Nubwo u Rwanda rutakinnye umukino n’umwe muri uku kwezi rwazamutse imyanya icyenda (9) ruva ku mwanya wa 101 ruba urwa 92.

    u Rwanda rwasubiye mu myanya 100 ya mbere

    Impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru ku isi FIFA itewe inkunga na Coca Cola, buri kwezi isohora urutonde rugaragaza iterambere ry’umupira w’amaguru mu bihugu 211 biyigize.

    Uru rutonde rukorwa ahanini hagendewe ku musaruro w’ikipe z’igihugu z’umupira w’amaguru. Mu Ukuboza u Rwanda ntirwakinnye umukino n’umwe w’amarushanwa cyangwa uwa gicuti wemewe na FIFA mu bakuru.

    Gusa ingimbi z’Amavubi zakinnye imikino ya gicuti na Les Lions de l’Atlas za Maroc. Aba basore bayobowe na Savio Nshuti Dominique batsinzwe umukino umwe batsinda undi mu mikino ibiri yabereye i Marrakech.

    Byazamuye u Rwanda rugaruka mu bihugu 100 bya mbere ku isi kuko rwavuye ku mwanya wa 101 ruba urwa 92. Urutonde muri rusange ruyobowe na Argentina, ikurikiwe na Brazil, Ubudage, Chile n’Ububiligi.

    Uko ibihugu bya Afurika bikurikirana:

    Senegal (33 ku isi)
    Côte d’Ivoire (34 ku isi)
    Tunisia (35 ku isi)
    Misiri (36 ku isi)
    Algeria (38 ku isi)

    Ibihugu bya Afurika y’Uburasirazuba n’iyo hagati

    DR Congo (48 ku isi)
    Uganda (72 ku isi)
    Kenya (89 ku isi)
    Rwanda (92 ku isi)
    Ethiopia (112 ku isi)
    Sudan (135 ku isi)
    Burundi (138 ku isi)
    Tanzania (156 ku isi)

  • Twebwe Abarundi twarabatsize imbere y´ Imana n’ ibi tuzobitsinda kuko turi bene
    ELOHIM

  • Haaaaa mwavukiye mu matate!!!haaaa ni Hatari kabisa

  • Ntitwemere Batayaturishe .Uzinintambara Iri Muri Somalia!

  • Ko abansi babaye be shi!!!na Union Africaine?

  • Barundi Barundikazi Ncut.Zuburundi.Reta Niyire Kandi Isab Indishi Yakababaro Abarund isinzi Tuyirinyuma

  • ubwosebyashoboka, Nikijuju cyumurundi abarundi abarumunyapolitiki??? hahaaaa
    mumakungu ntamurundi numwedatunze, umuduga???????????????????????????????, ubwosemwaburamushara,mugurishe kumiduga, zampuzumuhinduriramunsengero

  • jew novuga abarundi bacu ni batah kuko bibaza kodukeny ariko nibatah barabe ko tutazobaho abarundi turashoboy

  • Munyarwanda wandika kwizina rya Proud to be rwandan ndagushimiye uvuze ukuri nkigipfu c’umurundi c’ubahuka kigatuka umukuru w’igihugu wumva bicuriki k’umuntu muto nyarucari? Ivyo vyerekanako atandero yo kuziko nukuvuga y’ikirundi yaronse, ngira yakuriye mwibarabara, erega iyo utaye indero utukisha abakuvyaye n’abakureze kuko uca umengo nabo ntandero bari bafise kanatsinda ntibari kuguha ico badafise. Aba bandika ibi bari muri kakarwi gato kabarundi barota batembagaza Leta yatowe na milliyoni cenda z’abarundi.Hanyuma banyarwanda mugifise umuco nka Proud to be rwandan bwira Leta yanyu mwirukane abo bagirizwa coup d’etat bitabe ubutungange kuko muraziko unyegeze umusuma uba usa nawe ikindi bazigisha kirya kibi ingabo z’urwanda, ejo ntimuze murire muturaba kuko burya NTAWUNYEGEZA IKARA MU GASHAMBARA(MU MWENDA)

  • Jewe Mbona Atakibuje Muburundi !

  • rbyabaerwanda mwabeshyengo nabicanyi mukunde mufatemakaramu mwandike, amakungu yabamenye?????????????? mushakebomukoresha devorce, ubundimubonemisharaha, mugemurimpimba mwandike kubwicanyi bwabayeburundi, ibyuwandanatwe tuzajyatubyirangiriza tutihayemakungu, natwesusigayetugendatwubitsemitwe, tugakanuramaremare, abanaburwandanabobakeneye kwiga,

  • ibyabarundi ntibibwa?? arikomukaryabyabandi, byabijuju byabanyawanda mwahenze, mukaryabyabo mubiruke,

  • NIBITAHIRE, KANDI BAZOYABAHA KUKO BARAKO NUBU BARICAKORA AHUBWO NIBAYAZANE HAKIRIKA NTIBAZI KO UBURUNDI ARI IGIHUGU IMANA YIHERE INGABIRE IDASANZWE

  • Ese ubundi barigukoriki muri somalia? Niba ayo mahoro bagiye kugarukana atagaruka?Ntacyo barimo gukora. Ngo kandi abasirikare babarundi birirwa biruka inyuma y’abasomalikazi! Ikindi kandi Nkurunziza areze yahita atsindwa kuko niba yarivanye muri ICC kandi ayo mahera atangwa na union europeene bizagorana.

  • @ Mucyo, wamunyarwandawe muni ivyo uvuze niko ubizi?
    Shonoja Kagame amaze anigagura abari abayobozi kuntwaro ya Havyarimana ntarerekewe niyo ICC kandi atayirimwo!?

  • Muti Ivya barundi Ntibiribwa None Falcon 50 Irihe?Turazinanye Muradufasha Kuyiburana Abayidufitiye Bayiturihe Kuk Dufise Ingabirano Yo Kuburana

  • bahemba uwakoze none se ko mwanze gutanga No za compte zabo basirikare ngo murashaka ko aca muri leta kandi nabo bakavuga ko leta iyabima urumva ukuri ari ukwande ngo ntibiribwa ubundi se musigaranye iki ko ibyinshi arimwe mwabiriye......ndabasetse

  • Ariko mwabagabo mwe ntimwumva ejobundi congo yarabasekuye none ngo murinze umutekano muri somaliya Uganda na Kenya bivuyeyo mwanyara nubundi nimwe muhora murasirwayo musuzuguza mission ya ONU kw’isi hari abandi mwumva bahora batahana intumbi zarashwe na El shabab

  • MARIYA MA NIMMERO YAWI IYANJYE NI 0726092608 NDI MURWANDA

  • Birababaje Kubona Abasirikare Bacu Batarahembwa Mukiringo Kingana Uko.Ariko Nkibaza Nti"mbega Ko Nzi Amusome Igizwe N’abasirikare Batandukanye None Abandi Bo Mubindi Bihugu Bo Gute?Vyoba Bikoregw’abarundi Gusa Canke?"abarundi Twari Dukwiye Kwitabwaho Kuruta Ukw’ico Gikogwa Kitoroshe.Rero Reta Koko Niyitwarire Iryo Shirahamwe Kuko Abarundi Bitanze Bidasanzwe Bakubahiriza Amasezerano Ariko Iryo Shirahamwe Rikaba Ritayubashe Ntirinashikirize Uburundi Abasirikare Babwo Ngo Berekane Ko Batanze Imihoho Kuvyo Kubahemba.(scientist King Of Love Online)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.