IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA ku rutonde rw’abaranze umwaka w’2016

Petero NKURUNZIZA ku rutonde rw’abaranze umwaka w’2016

mardi 27 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abarundi babiri, Petero NKURUNZIZA umukuru w’igihugu c’Uburundi, hamwe na Petero Karaveri MBONIMPA umukuru w’ishirahamwe APRODH riheruka gufatirwa ibihano vy’uguhagarika ibikorwa vyaryo, bashizwe ku rutonde rw’abantu 50 baranze umwaka w’2016.

Nk’uko biri ku rutonde rwakozwe n’ikinyamakuru Jeune Afrique, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA yatanguye kuvugwa kw’isi yose mu mwaka w’2015, aho yafata ingingo y’uwkigumiza ku butegetsi, ivyiyamirijwe n’amakungu.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba kandi yashizwe kuri urwo rutonde, kuko ariwe mukuru w’igihugu wa mbere yashikirije ku mugaragaro ko akuye igihugu ciwe mu masezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye. Kuva aho afatiye iyo ngingo y’ukuva muri iyo Sentare, n’ibindi bihugu vyaciye bikurikira. Ivyo bihugu akaba ari Afrika y’epfo, Gambia, Uburusiya, hamwe n’igihugu ca Kenya kiri muri iyo nzira y’ukwikura muri ayo masezerano.

JPEG - 37.8 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Uwundi yashizwe kuri urwo rutonde ni Petero Karaveri MMBONIMOA, umukuru w’ishirahamwe APRODH riheruka gufatirwa ibihano vy’uguhagarikwa mu Burundi.
Inyuma y’uguhakwa kugandagurwa mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2015, ikinyamakuru Jeune Afrique kivuga ko yabandanije guharanira ko ibibazo vya poritike biri mu Burundi vyotorerwa umuti uhurijweko na bose.

N’aho ishirahamwe arongoye ryahagarikiwe ibikorwa mu Burundi, Petero Karaveri MBONIMPA abandanya kudoma urutoke amabi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bikorwa n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, nk’uko ikinyamakuru Jeune Afrique kibivuga.

Petero Karaveri MBONIMPA akaba aheruka gutahukana agashimwe mpuzamakungu ka "Alison Des Forges" k’umwaka w’2016, gahabwa abarushije abandi mu guharanira agateka ka zina muntu.

JPEG - 60.8 ko
Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH

IGIHE

Messages

  • Peter Nkurunziza= Pinochet,ibi vyose azobibazwa

  • Claver, ntakwatagize muguharanira ko uburundi bwosubira mumaboko yabakoroni yemwe nubwovyamutaye kuwamazi barutuku barakwiye kumuha ivyobaribaramwemereye vyose.

  • Hari nivyo mutavuze Petero Nkurunziza yakoze kwishira muri prison ntabe agisohoka ubwo murumva ko nivyo biri muvyamuranze bikunda kugira aba president bafatiwe ambargo ariko we yariyugaranye pe!

  • MBONIMPA NUMUGABO W’IJAMBO.NKURU NAWE NUMWICANYI.

  • vuga muti Petero nkurunziza kurutonde rwa baperezida badatamikwa ijambo yitangiye abene gihugu naho hoba murupfu akwiye ikidari cubuhhangange kuko ntakangwa namaronko ngate igihugu mumanga natwe abene gihugu tumuhaye ikidari co kuguma kwivora yitangiye abene gihugu mubihe bigoye

  • Umwana Yankwa Niwakura Kandi Nico Batazi Aba Birigi Naba kagame Abo Bakeneye Ko hatwara Abo Bishakiye Bidaciye Mumatora Abarundi Ntizo Kwigera Tubemerera !

  • Umwana Yankwa Niwakura Kandi Nico Batazi Aba Birigi Naba kagame Abo Bakeneye Ko hatwara Abo Bishakiye Bidaciye Mumatora Abarundi Ntizo Kwigera Tubemerera !

  • Ehe Umugabo weeeee! atwenga neza nka Bikira Maria Ico nigihangange kwisi nzima apana yambwa ngo ni kagame

  • uwambere arutwa nuwanyuma nimubivuge kuko nivyo

  • MBEGA KOMUVUGA NGO YIGUMIJE KUBUTEGETSI MURABESHA ? SIWE YABWIGUMIJEKO. YABUGUMIJWEKO NABANYAGIHUGU BOBO BAMWITOREYE KANDI N IMANA IKAMUSHIMA .

  • Mbonimpa Karaveri gushimirwa arabikwiye kuko numugabo wabagabo, nawe Nkurunziza Petero ya rakwiye kwambikwa umudari wi kimaramare, kuku uyumwaka agiye kuwurangiza anyoye ingunguru nyishi zamaraso yabarundi !.Niharambe nyakubahwa Karaveri Mbonimpa, akomere kwibanga yi yemeje ryo kuharanira agateka kazina muntu, komera komera.

  • ariko ko bamwe mu bantu bameze nkabavangiwe wowe wiyita Nema haraho wasomye munkuru handitse HE Paul Kagame??? ubwo umuzanye ute mu nyandiko zawe

  • petero nkurunziza ntakir’inyenyeri y’ubuseruko gusa ahubwo n’inyenyeri y’isi guko yabay’imboneza mukuva murikirya gikoresho c’abazungu ngo n’isentare yoguhohoter’abirabure n’akomere k’umuheto abarund’isinzi tur’inyuma yiwe

  • Amenye ko aho azoviraho hose ko azoba ari umukuru w’igihugu wa mbere kw’isi nzima azoba agiye ataco akoze ashikanye igihugu ciwe ku ca nyuma kwisi,abarundi rero bakaba barihenze mu gutora umukehabwenge akaba aherutse no kwiyaturira mu mashengesho y’ikuzimu arimwo mu Rutana yuko yamuka mu muryango wa ba nangayivuza ko nawe yakujijwe na brochettes z’abantu

  • Bose Ni Abagabo Ntamwana Arimwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.