IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > REGIDESO igiye gutangura gukurakuranya mu gutanga umuyagankuba

REGIDESO igiye gutangura gukurakuranya mu gutanga umuyagankuba

mercredi 25 Nzero 2017

Ishirahamwe REGIDESO rimenyesha ko rigiye gutangura gutanga amatara bakurakuranya mu bice vy’igisagara ca Bujumbura,ariko ko bizokorwa mw’ibanga kugira abagizi ba nabi ntibikike mu kiza.

Jeroboam NZIKOBANYANKA umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ritanga umuyagankuba n’amazi,amenyesha ko iryo kurakuranya riva ku rugero rw’amazi rwagabanutse ku rugomero rwo mu Rwegura.

Umuyobozi mukuru wa REGIDESO avuga ko kubera ubukene bw’amazi mu rugomero ,kuva igihe c’isaha zine z’ijoro baca bareka gukoresha urugomero rwo mu Rwegura kugirango baronke umuyagankuba batanga mu gihugu bukeye.

Jeoboam NZIKOBANYANKA amenyesha ko ibintu bibandanije uko biri,mu kwezi kwa gatatu ishirahamwe REGIDESO rizotakaza ama Megawatts 10 ku ma Megawatts 40 bahora batanga.


IGIHE

Messages

  • Noen ivyo bahora bakora mu gutanga ayo matara bavyita gute? Ni bareke gutwenza abantu. Nta gestion y’ikintu kitariho!

  • Amashirahamwe nka Regideso n’ayandi ya Leta azotemba yose kuko nta investissement agira. Birateye isoni kwumva Regideso itagira urutsinga na rumwe canke transfo nshasha, gushika aho abanyagihugu bahitanwa n’amasanganya y’umuyagankuba kubera instinga zerekejwe hejuru kubwo kubura ibikoresho vyagenewe ako kazi. None amahera abanywanyi bishura ama factures ajahe? Ariko imwe mu ngorane n’ubwinshi bw’abakozi, bamwe birirwa bicaye ataco bakora, canke akazi kokozwe n’umuntu umwe canke babiri kgakorwa na bane canke batanu. uwogomba kumoinyuza aragenda arabe aho umuntu aca mu gusinyisha impapuro iyo ariko arasaba amazi canke amatara. Habaye hake ni hatanu. Ku bwanje ahabtu habiri honyene hari hakwiye. Kugwiza akazi ni sawa, ariko ni bagwize n’umwimbu. Igihe hatabaye delestage ni muri 2015 mu gihe c’imigumuko niho twaronka amatara, na cane cane ijoro ryose. ibindi bihe, imvura igwa canke ntirwe, ntanarimwe delestage itaba kuko nta musi numwe amatara ashobora kwirigwa akarara mu bice vyinshi vya Bujumbura, ukuyemwo quartiers zibamwo abategetsi nka Kiriri. Nayo ahandi amaezi yose twama muri delestage.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.