IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > RSF ivuga ko abamenyeshamakuru 65 bishwe kw’isi mu mwaka wa 2017

RSF ivuga ko abamenyeshamakuru 65 bishwe kw’isi mu mwaka wa 2017

mardi 19 décembre 2017

Ishirahamwe RSF rivuga ko igitigiri c’abamenyeshamakuru bishwe mur’uno mwaka wa 2017 bagabanutse gushika ku bice 18 kw’ijana, ugereranije no mu mwaka uheze wa 2016.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko uwu mwaka wa 2017 ubaye uwa mbere mu myaka 14 iheze hishwe abamenyeshamakuru bake bahorwa akazi kabo.

RSF ivuga ko icatumye ico gitigiri kigabanuka ari ihimiriza ryakozwe n’amashirahamwe mpuzamakungu afadikanije n’ibimenyeshamakuru kubijanye n’akamaro ko gukingira abamenyeshamakuru ,bikaba vyatumye abantu batahura neza gukingira abakora uyo mwuga.

Iryo shirahamwe rivuga ko ibihugu biza mu vya mbere aho abamenyeshamakuru bicwa ari ibihugu vya Siriya,Irak,Yemen hamwe n’igihugu ca Libiya,mu gihe igihugu ca Mexique kiza kw’isonga mu bihugu birimwo amahoro ariko abamenyeshamakuru bakiicwa cane.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.