IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Radiyo BONESHA FM ntiyaronse urupapuro yarondera mu butungane

Radiyo BONESHA FM ntiyaronse urupapuro yarondera mu butungane

vendredi 23 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura no gucungera ibinyamakuru mu Burundi CNC (Conseil National de la communication) rwaheruka kumenyesha ko rwasanze ivyasabwe n’iradiyo RSF Bonesha FM ko yosubira gukora bihuye n’itegeko rijejwe kumenyesha amakuru, ariko muri CNC bakavuga ko mu gusuzuma basanze hariho bimwe bikibura muri iyo dosiye ya radiyo RSF Bonesha FM.

Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuza aremeza ko insamirizi BONESHA FM yasavye urwo rupapuro mu butungane, ariko ko itashoboye kuruhabwa.

"Uwuserukira Radio Bonesha FM yarandikiye ikete umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba urupapuro rwerekana ko badakurikiranwa n’ubutungane. Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yaramwishuye kw’igenekerezo ry’umunani ukwezi kwa gatatu, yaramubwiye ko bidashoboka, urwo rupapuro rudashobora gutangwa kubera hariho ama Dosiye Bonesha iriko iragirwako amatohoza."

JPEG - 92.6 ko
Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuza (i buryo)

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mfise ikibazo hano sinziko ndakironkera inyishu:Ayo maradiyo yugawe na nde? Ubwo izatewe zose igihe ca Coup d’État zarasavye urwo rupapuro?
    Na Rema FM?
    Dukwiye gutandukanya iradiyo n umuntu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.