IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi iriyamiriza ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe OCHA

Reta y’Uburundi iriyamiriza ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe OCHA

mercredi 21 février 2018

Nkuko biri mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ryateweko umukono n’umunyamabanga wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Filipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi irashima igikorwa c’ishirahamwe OCHA mu bijanye no kurondera infashanyo ku bazikeneye, ariko bakamenyesha ko idashimishwa n’uko abakozweko amatohoza n’ibiharuro vyatanzwe bitavuye mu gukorana hagati ya OCHA n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubwo amagara y’abantu, ubwo uburimyi n’ubworozi hamwe n’ubwo agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha ko itangazwa no kuba atari irya mbere hatangwa ibiharuro vy’umurengera vy’abakwiye gufashwa n’ishirahamwe OCHA, kandi Reta yarashize uburyo butari buke mu gisata co guteza imbere abanyagihugu baba hagati mu gihugu, biciye mu guteza imbere uburimyi,amagara y’abantu no gutahukana impunzi, ivyatumye ibintu biba vyiza mu mwaka wa 2018, gusumvya mu mwaka wa 2017.

Reta y’Uburundi imenyesha ko ahubwo yiteze ko abafasha bashira uburyo mu gisata c’iterambere aho gushira uburyo mu gisata co kugarukira ku basinzikaye, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu mw’ijambo yashikirije mu ntango z ‘umwaka wa 2018.

Mu kurangiza, Reta y’Uburundi isaba abayobozi b’ishirahamwe OCHA kuvugana n’ubushikiranganji bwegwa n’ikibazo co kugarukira ku bari mu bibazo n’abandi bose, kugira hakorwe icegeranyo gihurijweko n’impande zose, kizofasha gukorera ku ntumbero imwe, hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe OCHA.

Kuwa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, ishirahamwe OCHA ryari ryamenyesheje ko abarundi imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana atandatu, n’ukuvuga ica gatatu c’abarundi bose bakeneye gufashwa, kandi ko hakenewe amafaranga imiriyoni 141 z’amadorare y’abanyamerika, kugira bikunde abo barundi bafashwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.