IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yasavye isubirizwa ry’umuhuza wa ONU

Reta y’Uburundi yasavye isubirizwa ry’umuhuza wa ONU

mardi 15 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi iheruka kwandikira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, imenyesha ko itagishaka kubandanya gukorana na Jamal Benomar, umuhuza yashizweho na ONU kugira akurikirane ibibazo vya poritike y’Uburundi. Uwo muhuza yaheruka mu Burundi mu kwezi kwa Gitugutu, aho yabonanye n’abegwa n’ibibazo vya poritike y’Uburundi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, yarungikiwe ikete na Reta y’Uburundi, rimusaba ko yogena umusubirizi wa Jamar Benomar, aho akaba ari mu gihe hitezwe mu kwezi kwa Nzero 2017, ibisikanya ku burongozi bwa ONU hagati ya Ban Ki-Moon aheruka guheza ikiringo ciwe, hamwe na Antonio Guterres aheruka gutorwa mu mabanga y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kubwa Reta y’Uburundi, uwu mwanya w’ukurindira iryo bisikanya niko karyo keza k’ukugena n’uwundi muhuza wa ONU mu bibazo vya poritike y’Uburundi.

JPEG - 222.7 ko
Jamal Benomar, umuhuza wa ONU ku bibazo vya poritike y’Uburundi

Reta y’Uburundi isaba Ban Ki-Moon na Antonio Guterres ko boja hamwe, bakumvikana kuwosubirira uwo muhuza.

Isshirahamwe mpuzamakungu ONU, ku ruhande rwaryo, rimenyesha ko uwo muhuza agifitiwe icizere n’iryo shirahamwe, kandi ko abandanya amabanga yashinzwe, nk’uko bivugwa na Farhan Haq, icegera c’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Tubibutse ko Reta y’Uburundi yaheruka gufata ingingo y’uguhagarika imigenderanire hamwe n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rw’ico gisata ca ONU, mu cegeranyo giheruka gusohka ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma.

Reta y’Uburundi ikamenyesha ko iyo migenderanire n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bihagaze, gushika hamenyeshejwe iyindi ngingo nshasha.


IGIHE

Messages

  • Bwabundi ivya ka karwi nakayobera bahinga ejo bundi benomali yaraje abavugira neza aho yemejeko ibiganiro vyinkinamico vyobera mugihugu hagati mukoma amashi none muramwihakanye Ngo ntawe mushaka ewe niho bayamezengo impebo yidogobe Ngo nimigere ntibabeshe ico nikimenyetso cuko mwahendanye kandi Ngo ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaramo mbega aho mutaka mutakamba umuhuza nikuberiki ko mwishiriyeho rwanyu uwowe nuwiki

  • umwami wisi falao ntakeney umuhuza mugihugu iwiwe ntakundi un niyemere kumuhindur ataruko umwami wisi falao azoberuri mama na ban kim azofunga pe?

  • Ndavye iyofoto yuwomugabo nibaza ko arumugambanyi umwangushi gakura.
    Umuntu umurevye mumazo kuva kumunwa nokumaso mengo numuntu ahejeje kwica umuntu.

  • Mbetuzojwama Turindiri Yeuwomugabokugezaryari

  • Ubushikirangaji bw’imigenderanire y’America iragabisha Abanyamerica baba i Bujumbura kwirinda kuja mu gihugu hagati,Trump araje akosore aba DD,na bado

  • Mbega abobazungu babandikira babahiga kwiki? bavuga yuko bikwije atanakimwe babuze!.Uwomuzungu batifuza kwatobandanya gukorera ngaha muburundi !, ubwo twebwe abarundi turihenda. Nubwo bomuhindura umuryaburayi numwe,u muzungu ntaho azigera yiyumvira kunyegeza ikibi cawe never, kwandika nakwo nugutumutwe, nuwuzoza azokora nkuwambere. icobaciza kubategetsi bikigihe bica bagakiza kuwo bigombeyeee nuko bohagarika bakiga gukora iciza.

  • hahhahhaa ariko abarundi weeee! erega kuva muri ICC mwabigize indirimbo kugirango mwerekane ko ibyo mwakoze muyivamo mwari mufite reason yo kuvamo. mwe aba DD mwarishe mugomba gukurikiranywa.yewe ga yeeeee mwararangiye gusa. ubundi mwagiye mubanza gukora ubusesenguzi bwibyo mugiye gusinya mbere yo gusinya . so Sad. Long Live our PK

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.