IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yashizeho itegeko ry’uguterera amatora yo mu 2020

Reta y’Uburundi yashizeho itegeko ry’uguterera amatora yo mu 2020

samedi 21 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko ugutera amatora vyerekana ubwigenge bw’igihugu.

"Kugira ubwigenge bw’igihugu bugire aho buhagaze, n’uko ico gihugu kiba gifise ubushobozi bwo kwitunganiriza ibijanye n’intwaro n’ubutegetsi, kigashobora kwitunganiriza amatora gifadikanije n’abenegihugu."

JPEG - 71.2 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Uwo avugira Reta y’Uburundi ashikiriza ko kahise katanze icigwa ku Burundi.

"Dufatiye ku kahitiye, vyaragaragaye ingene uwutigaba atigaburira kubera y’uko uburyo buva hanze y’igihugu mu gutunganya amatora, ababutanze bama bigenza mu gusaba amananiza, ndetse utemeye kuba igikoresho cabo, n’ukubukwima bakabukwima."

Reta y’Uburundi yemeza ko iryo tegeko ry’uko Abarundi bose bazoterera amatora rigiyeho bisabwe n’abanyagihugu ubwabo bisabiye ko bobwira ingene boterera amatora yo mu mwaka w’2020.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ubwo n’ububeshi bwenyuje. Ngo ni abanyagihugu bisabiye guterera amatora? Suka amazi mu ziko. Inzara izura inzâra kubera ubukene abihagiye ubutegetsi batumye amakungu atagifasha Uburundi. Abanyagihugu bakuye hehe uburyo? Ico ciyumviro cadukanye abantu bafise umunoho w’ubutegetsi. Bashizeho uburwo bwose bushoboka bwo kununuza abanyagihugu kugira bazosubire kwihagira ubutegetsi kurya babigize muri 2015.

  • Ntihagire umurundi ari opposition twumva bayatse ku nguvu canke izoba iyindi ngwano irengeye iyahahora kirazira kubesha abanya gihugu ngo bisabiye gutozwa amahera batagira bishwe n inzara basaba ivyo barya chine Russie murateyev isoni mwaba cnddfdd ,umve neza tegura ingwano muzogwamwo imbere ya 2020 nta busuma 3 .Tegera .Duza amabinga ntimurenga ico gihe atabara .FPL

  • Busurahende,iryamire ureke guca intege abiyemeje guterera amatora.ntituzokwemerera.Irindirire ya ma coup d,etats ya za bataillons blindes za camp muha mwamenyereye

  • A joseph Ndondogori et sa petite clique de radicaux,je vous dirais que les chiens aboient et la caravane passe.Le pouvoir etnico-regional des bururiens et leure petite clique de suiveurs ne reviendra plus.Vous vous heurterez toujours au grand rocher de la veritable unite existante de tutsi et de hutu patriotiques.Akataretse kaba gasema kandi ngo amatwi y,ingurube yumva aruko bayokeje.

  • Bastien, none ko abanyagihugu bavyisabiye wumva bikenewe ko abo bategetsi barinda kubigira itego? Canke ntiwasomye neza inkuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.