IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yatanze imfashanyo ku banyagihugu ba Tanzaniya

Reta y’Uburundi yatanze imfashanyo ku banyagihugu ba Tanzaniya

mardi 27 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yahaye abanyagihugu ba Tanzaniya imfashanyo igizwe n’amatoni ijana y’umuceri, amatoni 50 y’ibigori, amatoni 30 y’isukari, hamwe n’amatoni atatu n’inusu y’icayi. Iyo mfashanyo yahawe abanyagihugu bo mu ntara ya Kagera baheruka gushikirwa na nyamugigima yahitanye abantu n’ibintu.

Abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi aribo Pascal BARANDAGIYE ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na Leontine NZEYIMANA ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, nibo bashikirije iyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa mbere. Yakiriwe n’icegera c’umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko igihugu ca Tanzaniya camye kiba hafi y’Uburundi mu bihe vyose bwaciyemwo bibi na vyiza, akavuga ko umubanyi ariwe muryango, kandi abonekera mu magorwa.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji BARANDAGIYE, nico gituma Reta y’Uburundi yashimye kugira ico iterereye, mu gushikiriza Reta ya Tanzaniya iyo mfashanyo, agashikiriza ko muri Reta y’Uburundi batari kwirengagiza ivyago vyashikiye abanyagihugu ba Tanzaniya.

Nyamugigima iheruka kuba mu ntara ya Kagera mu gihugu ca Tanzaniya yahitanye ubuzima bw’abantu cumi n’indwi, abagera ku majana ane barakomereka, n’inzu zabo zirasambuka.


IGIHE

Messages

  • Icobikoze Co Murazi Guhisha Ikibi Kibarimwo,abarundi Isinzi Twishwe Ninzara Ntibikunda Koturonka Nindya Zikwiye Rimwe Kumusi Kimwe Gusa Nivyiza Gufashanya Ariko Ijambo Ryimana Ngo Ukunde Mugenzawe Nkuko Wikunda Nawe Natwe Dukeneye Imfashanyo Hanyuma Ico Ninkigiturire Gitanzwe.

  • Nimwazoshaka kumenya imfashanyo nyamfashanyo itanzwe uvuye k’umutima muzosanga ariyimfashanyo itanzwe nu Burundi igahabwa igihugu kibanyi ca Tanzania.

    Ikindi burya iyumuntu afashije atarukubera arivyo abayavuze ukwabibika iyo ibarimfashanyo vyukuri mwibuke Yezu we yatanze AMARASO yiwe bisigura iki ?
    Bisigurako Imfashanyo itanzwe numukene ibayahezagiwe budasanzwe n’Imana. Mwibuke amajambo dusoma muri bibiriya kumugore yashikanye amafranga yarifise bicabiharurwa ko atanze gusumba nabatanze ibifranga vyishi kuko vyaharuweko yatanze amafranga yose yarifise ariko abandi bakaba baribatanze duke kurivyishi bafise murirusangi yarashimiwe cane.
    GUTANGA KURUTA GUHABWA.

  • nivyiza cane kugira umutima wimpuhwe

  • Nivyiza cane twereke amakungu kodushoye natwe gufasha abandi.

  • Iyobuba Ubwumwe.Bwari Ikindi.Muburundi,ibifungurwa Vyaraduze Ibiciro,abanyagihugu biwe,barashonje.Iyonimitwe Agomvye kwerekanako Babanyagihugu biwe Badahunga Inzara,ariko barimwo bahunga Ubutegetsi,bwiwe bubi.Izondya,arimwo Atanga Kugira yerekaneko Ari Umugiraneza,abiwe bishwe Ninzara Nanyamitwe,wiwe Arimwo Asegera(asabira Imfashanyo Nkurunziza,mububirigi; Ntayindi ntumbero Ivyobifise Atari Uguhuma Amaso Amakungu.Kandi Mugihugu ciwe,inzara N’ubwicanyi Vyugarije Abenegihugu baho.Abarya Izondya Baramanza Bazihumanuje bikomeye.Ndafise,ubwoba namakenga Akomeye Kubwizondya.

  • Ndabira mugihugu inzara imaze abantu hama ngo muratanga imfashanyo!murashaka kw’isemba Magufuli?hhhaahh mwaratevye barabahinyuye, murahenda abandi

  • Ndakeje igihugu c’Uburundi kuko Tanzaniya ni igihugu camye kiri hafi yacu.
    Murakoze kubagarukirako.

    Abavuga ayamuhe nabo ngo barashonje ni za mburakimazi batazi gukura amaboko mu mpuzu bamenyereye kurya bicaye no kurya imitsi abandi. Abantu nkabo mutavuye hasi ngo mukore muzokwama mushonje. Komera Burundi.

  • Mwishinga kuyerera mubura kurima ngo murindiriye gutega amabiko bure kuva iyo mwinyegej agatasi karageze mubure kurima nho leta izobaha

  • Ivyo Nivyiza Cane.Gutanga Biruta Guhabwa.

  • Vyarahanuwe ko inyuma yibibazo uburundi buzoba paraaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaadiso

  • mukure amaboko mumpuzu murekekwishingakuyerera ngomuhunga ubutegetsi dukore murabeko uburundi utazosanga ari paradiza iyomitwe ngo muhunge ngonihomuzoja iburaya murinze gutuka igihugu cabibarutse bizorangira musaze

  • Ico gikorwa co gufasha ntmurundi w’umutima atogishigikira kiretse babandi,ni vyo ntdufise umurengera ariko uwutaguhaye bike ntazoguha vyinshi

  • EGO NUKURI IMANA NISHIMWE.NIVYIZAGOSE KUBA DUFASHIJE ABAMYE BADUFASHA.

  • Uburundi Nibukomerezaho Kuk Tanzaniya Nigihugu Gifasha Abarundi Benshi Imana Ikomeze Kuba Umuhuza Wa Afrika.

  • NAJEWE MISAGO MICHERI KABARORE KAYANZA TURASHIMIYE RETA YUBURUNDI GUFASHA BENE WACU NAYO IZIBUKWA UMUTIMA NKUWO WURUKUNDO BAREKE BIRIGWA BAVUGA AYAMUHE ZANTAGIRICO ZITANGA ZAHENDA ABANTU NGONIBAHUNGE CHA BAZIVAMWO REKA TURIME NABANDI TUZOBAHA

  • ewe ba dd murapfuye nabi nama mvuga abarundi twishwe ninzara ntitukironka ico turya muriko mufasha abandi natwe dupfuye ninzara yooh murapfuye mugenda eka uwabaroze ntiyakaravye muriko muhisha iki ? barabahinyuye murakitwara agatwe !!!!!!. mubura guha impunzi zabarundi nkamwe ngo muriko mwereka amakungu ko mwishoboye ntamuntu numwe yishoboye ngira kiretse mwebwe kuko mwavuze ko muri imana yo mwijuru !!!

  • KWER N0KWIHANGAN NIK VYAM BIMEZ KWIS HAM HAB UMUNEZER NUMUBABAR

  • KWER N0KWIHANGAN NIK VYAM BIMEZ KWIS HAM HAB UMUNEZER NUMUBABAR

  • Nuwanka Urukwavu yemera ko ruzi kwiruka ubu mumuji wa Toulouse hari ibirori vya compagnie yo mu Rwanda yaguze 2 Airbus,série 2016,zirashika mu Rwanda minuit ,zizohora zikora ingendo hagati yu Rwanda na Doubai na Chine,Abanyarwanda baradusize kweli

  • ijambo ry’ imana riti tanga niho uzoronka uburundi bugiye kuronka imigisha myishi cane matayo 5.5na5.7 mukirundi ngo amosozi y’umukunzi ava murihumye ewe burundi gumana umutima w.urukundo umwana yangaye naze asa ikigongwe ati naracumuye k’uburundi no kumana nateye ibuye aho nateretse igisabo

  • yemwe Leta yinjiji irasekeje abaturage bawe barashira ninzara none ngo uratanga ruswa tanzaniya yakubwiyeko yabuze umuceri woguha abaturage bayo cy ibigori ngaho nimufashe nu Rwanda ndabona muri ababosi haaaaaaaa muratwengeje pe!!!!!!!!!!!!"

  • Iki gikorwa s’icirukundo reka reka kirimo politique gusa none ko batabihaye les déplacés buzuye hose mu gihugu?wapi Magufuli ntimuzomuhenda nka Kikwete,u Rwanda rwamudutwaye keraaa,twihangane

  • RETAYUBURUNDI YAGIZENEZA CANE

  • IMBURAKIMAZI NTIZIBURA IVYO ZIKOMANTA. LETA Y,UBURUNDI YAGIZENABI?

  • Tanzania ni umubanyi mwiza kuva kuri na sokuru....uburundi ntibwigeze bushamirana na Tanzania kuva na kera...

  • Icobaciza nuko tanzania yoza irabahamwe n’igihugu c’uburundi.

  • Biratwengeje kweli ngo gufasha abahuye n’umutingito muri Tanzanie?none ko mutafashije abiciwe ni abo imvura yasenyeye za mugamba n’ahandi n’ahandi mu Burundi?politique ya CNDD FDD iracuritse,ibi n’ibihenda abana, barabahinyuye

  • Icogikorwa abarundi intsinzi turagishima.Abatabona iciza kirimwo n’abo aho kuvuga menshi bopfuma binumira! Mu Burundi dutunzwe n’ukugiriranira impuhwe.Ahubwo abahunze igihugu kandi amahoro n’umutekano ari 100% bashatse bogaruka kuko ntaciza kiri mu Rwanda!!!

  • reta,yuburundi icomwagize niciza cane,kubona mwafashije abanyagihugu batanzaniya .twabishimye.ivyonivyovyerekanako harubumwe hagati yuburundi.natanzaniya. retayubundi nimuvugane natanzaniya impunzi zihungugwe .

  • reta,yuburundi icomwagize niciza cane,kubona mwafashije abanyagihugu batanzaniya .twabishimye.ivyonivyovyerekanako harubumwe hagati yuburundi.natanzaniya. retayubundi nimuvugane natanzaniya impunzi zihungugwe .

  • Reta Yagizeneza Kubafasha Kuko Numubanyimwiza

  • Reta yacu Burundi yako bazokwame mufasha ago mukuye imana ihongereze vyishi

  • banza mufashe abanyagi
    hugu bo mubweru muruyi
    mugasenyi turaremvye
    atagiqozwe turashobora
    gufpa nimurabe mugirico
    mudufashige nayubundi
    bwo turapfuye

  • Reta Y’uburundi Ukwa Yo,abayo Bagire Bahone N’inzara,ngo Yatanz Imfashanyo Kuri Tanzaniya?Ndayitwenze?Nimanze Yifashe!!

  • nikurivyiza kuko umuban nïwemuryanko kandi umugenzi abonekera mumagorwa ariko bagerageze bakemure nibihanze uburundi

  • nanje ndashimye cane,YEHOVA AHEZAGIRE UBURUNDI

  • Abarundi muraryoherwa murikomurafashwa ariko mwebwe ntimushaka kwerekana ko namwemufise agatima nogufasha, pfumamusoma ivyanditse ngahanyene nuwiyise MUKRISTUMURUGENDO ntivyobura icobibigisha.

  • Kuciyunviroreta Yuburundi Yashigikiye Turabashimiy Cane Kobafashijumuryango

  • Hariho abantu umenga barajwe ishinga no guhiganwa n’Urwanda. Ni mureke Uburundi bukore nk’igihugu cikukiye. Uburundi buzokundwa n’uwubushaka. Ivyo vyokwama muvuza induru ngo Urwanda! Urwanda! Urwanda ruradusize, n’uburyo bwo kwerekana ko mwihebuye mugata ingo zanyu mukaja kwita mu buja kubera inda ngari. Gufasha Tanzaniya n’ikimenyetso c’uko turi bamwe na Tanzaniya. Nayo abo banyagihugu muvugira ko babateye ikigongwe, mwoba mubakunda kuruta Leta bitoreye? Hariho ibindi bihugu bibona ko Uburundi buri ku nzira nziza, nayo mwebwe ko babahamagara ngo muze kwubaka igihugu mugashima kurara rubunda, bandanya mupfe mwangara muraraguza nka Gahini! Muzitwa ba MUGWAGAHINGA!

  • MBE NYENE IZO NTARIMA ZAHUNGIYE MU RWANDA ZORONKA ICO ZIFASHISHA ABANDI? Reka dufatane mu nda Abahutu n’abatutsi n’Abatwa, muze murabe ukuntu imigisha y’Imana ikwira igihugu cacu! Uburundi n’Abarudi, komera!

  • Uwo Nimucezo Wandani Ntawutanga Ico Adafise Abarundi Bishwe Nakigoyi Bangana Gute?Twarabahinyuye.

  • Uwo Nimucezo Wandani Ntawutanga Ico Adafise Abarundi Bishwe Nakigoyi Bangana Gute?Twarabahinyuye.

  • Hahaaaaaaaaa,murabura kubiha lmpunzi zanyu zakwiriye imishwaro!!!!hahaaa koko akabi gasekwa nkakeza

  • Nonega Kuberiki Bivugwako ATurimubihugu Birimuri Afrika Komyiniti Mugabo Abarundi Tuja Gupagasa Muri Tanzaniya Bakaba Batunyanyasha Nukuberiki ? Ivyobahaye Abobatanzaniya Harabuze Abarundi Tugowe Bari Kubifashisha

  • eweee nkuru,utanze infashanyo kuri tanzaniya?nukuri iyonfashano ntikuvuye kumutima nyabuna ivyo ushaka kwa mzee magufuri haupati hata kidogo mzee magufuri amaze kubamenya ko murabichanyi kandi ntahendwa nka kikwete.nabo abo bariko biyandikisha ivyogutuka nogushimira reta yankuru mwese turabazi muri babaryumuhero mwishowenu uko.mutalipa tuuuu.

  • Inzego Mvamakungu Turazanse Turazanse Turazanse Uburundi Nigihugukirimwabagabo Kirafisingabo Zishitsubugabo

  • Biratangajepe!! Nguburundi Bwatanze Infashanyo Muritanzania Iyo Buba Ubwumwe Bwarikindi Kuru Ntiyotora Abiwe Bishwe Ninzara Rwagomba Gufasha Tanzaia Uko Nukubisemba Ntapfane Ukwiyemera Uburndi Burakenye Shida Za Dunia Zinaka Kilasik

  • eregantanahamw ikibicigezegitsind iciza. kuberakomutamawacupeteronkurunzizayamenyereyekwam afashanyan abandi,nicogitumayatanz iyomfashanyokugihugucatanzaniya. kandinoneho kuberakotanzaniyanayoyamahagufik uburundi nicogituma uburundinabwobwaciyebunyarukagufashavyihuta. harabantunabobavug ayamuhe nibavugedukore dukorebavuge mazetwiyubakir igihugucacu nay abagitayebakajakuyereramurwanda natanzaniya nahandi bazosangetwaratey intambwe .mazebazoshikirekumaramara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.