IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yagiriza umushikirizamanza wa CPI ko ahengamye

Reta yagiriza umushikirizamanza wa CPI ko ahengamye

lundi 10 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye (CPI : Cour Penal Internationale) yagirizwa na Reta y’Uburundi ko akora atigenga, kandi ahengamye, ari naco gituma Uburundi butegekanya kwikura muri iyo Sentare.

Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yagiriza kandi ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ko ariryo ryatanze uburyo bwakoreshejwe muvyo yise imigumuko, hamwe n’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi. Kubwa Reta, Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ntaco yigeze ivuga mu kudoma urutoke kuri ivyo bihugu vyagize uruhara muvyabaye mu Burundi, ahubwo uwo mushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha akaba aheruka kumenyesha ko hagiye kwugururwa amatohoza y’intangamarara ku Burundi. Fatou Bensouda, umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yagirijwe ko akorera ku vyegeranyo vy’ibinyoma ahabwa n’abarwanya ubutegetsi, bashigikiwe n’abiyita abahinga ba ONU, nk’uko muri Reta babivuga.

JPEG - 24.8 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Ku bijanye n’ubwicanyi butandukanye bwabaye, muri Reta batangazwa n’uko bwagirijwe abajejwe umutekano n’intwaro bakuru bakuru. Firipo NZOBONARIBA akavuga ko abo batagetsi b’Abarundi bashizweko ivyaha bikomeye, mu gihe ababikoze baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bahawe agashimwe k’amafaranga hamwe n’indaro muri ivyo bihugu bigize ubumwe bwa Buraya, mbere bakagirizwa ko babandaniriza muri ivyo bihugu, imigambi yabo y’ukudurumbanya umutekano w’Uburundi.

Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kane, Reta y’Uburundi yemeje ingingo yo kwikura mu masezerano yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

Mu gihe iyo ngingo yamaze kwemezwa n’abashikiranganji ba Reta y’Uburundi, bitegekanijwe ko ishikirizwa abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, kugira nabo bayige.

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ONU irabandanya

Abategetsi batandukanye b’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe n’abantu isinzi bavuga ko ari abo mu mashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike, bagize imyiyerekano kuri uwu wa gatandatu imbere y’ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi. Abari muri iyo myiyerekano basavye ko ico gisata cofutwa mu Burundi.

Imyiyerekano nk’iyo imaze indwi zigera kuri zitatu itunganwa mu gisagara ca Bujumbura, aho hose abayigira bakaba baba bariko biyamiriza icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga ko hagiye kurungikwa umurwi utohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane umwaka w’2015.


IGIHE

Messages

  • Mbega izongingo baguma bafata abarundi babapfanye n’inzara zimaz’iki.hahaha mbega ubugugu burandukira.

  • Leta yaba DD igeze habi kweli,kwica inzirakarengane,kw’iya associa n’Interahamwe no kutagira umurongo wa Politique nuko bigenda

  • ewe fikipo nawe je nibaza ko bogutabara bakagura pension , hagasigara haragwana abakiri bato !!!!!1

  • Aha! Mura Wihaye Ahumboa Mukwiwe Ngufungirwa Irahe Mushaka Abeshe Ivyunyu Twa Ra Binyuye Abarundi Natwe Nti Tuki Bizeye

  • imbwa zirgwira, abo basaya bazopfa ataco bafaco

  • ngobavuze ko ubwicanyi bwabereye muburundi bwakozwe nabajejwe umutekano none kumengomugomba kugumamwisigura ninde ariko arabasambisha? harakantumugeze ilahe mwobicabigacika.

  • Igitangaza!Leta yoyagirijwe iratumira barya bashikirangaji bayo ninabo bazi ico basezeranye na ONU bazoje kuyiyamiriza kuberiki badomwa urutoke bagahindigongo baza kutwihishamwo.Ico nobahanura nuko batohunga Sentare,sinkirya yabo uwuyitavye aca anyuruzwa,bazobumviriza bashoboye kwiregura biregure aruwo bafise icobagiriza bamwagirize.Akakanya baciye bibagira impanuro bahora baduha ko urubanza rudacikira mubinyamakuru.Mwambonerakure,bakenyererarugamba,bagumyabanga namwe batutsi mwihaye ubwbwoko,nimureke guhenda leta kubera utwo babahaye ngomufise ivyo mubafasha mugutukana,harya mututse abarongoye ibindi bihugu canke izindi nzego zibihugu mubamukuye agahuzu umushikiranganji w’imigenderanire na leta arimwo iyaba muburundi hari ubwigenge bwagateka kazina muntu Aimé Nyamitwe birya ntiyobibemereye.

  • Bamwe bose bahendwa na Kagame umufasha wabanya Bulaya ndabona nyakwubahwa Philip Nzobonariba abavugiye ibintu vyanyu muhuriyeko nabashobuja abanya Bulaya noneho muriyica ! Turaje tubahashirize hamwe nabashobuja nejonejobundi ntihahazobehakigira uwuzosubira guhendwa nabakavantara ngobamugire igikoresho cabo mukuritagura bicabasambura abo/ivyomubihugu bababita kwarivyamavukiro. Asyiwe.

  • Iryavuzwe riratashe, abicanyi ba herode ni ngombwa baje i lahye bishur amabi bakoreye abarundi, urwo rutama narwo rujebarika amanwa ngo procureur de la CPI arahengamye ntaco rwanze rwo rurahiriw ruzoba rwisaziy

  • Ewe Nzobonariba firipo,udusaziye nabi boniyoreta yawe yabamenja. Mugumemwo cenke muvemwo vyose nicokimwe, mwanke mwemere ubutungane buzokora. none abobashikirangaji boreka kwemeza ibitagira umutwe namaguru? niyo nkeguza mateka numwungu warwaruyuzi. Ariko murihenda nkuwina uwapfuye, tuzoraba mubihe biza vyimbere.

  • nimba ataco Retail yiyagiriza ntakibazo

  • abarundi ubu twatahuye ukuri mbega nikuki base ko abo bakoze ama tihoza bagaruka kugira ivyo bavuga ko batabajije muri reta kuberiki batobareka kugira iryokosa ri kosorwe? kura noneho birazwi kuko abacitse kwicumu bariho kandi abashatse kubica bara bara bazi ibimenyetso bira hari baba abatwawe nigi polic kibakuye mungo zabo imiryango yabo bamwe bamwe bara bamenye rero ivyovyose bariko shaka kunyegeza impera nimperuka ikinyoma kizo kubitirwa aha kubuye

  • Inturo ntiyikeka amabinga iba iyarwaye Ayo na maraso yabene burindi mwakishe ariko arababiragiza

  • She retired out rester mambre de la cpi, cela ne change pas mon objectif. Ces massacreurs des innocents ils douvent repindre devant la justiçe soit BURUNDAISE ou etrangere. Je ne permettrai jamais que les violeurs des droits humains restent impuni. Le carnage qui s’est produit sur la famille CHRISTOPHE NKEZABAHIZI M’a fortement touche de facon inexplucable. Un innocent sans tache de sang massacre sauvagement de la maniere, ne peut pas rester impuni. Meme d’autres crimes simillaires qu’on a mid dans led tiroires quivont eye cimmis par d’autres perssonnes doivent etre poursuivi. Vaut mieu tard que jamais, un jour la justice sera etablie dans notre pays. Vraiment j’en ai marre. Merci

  • La faute est àrechercher côté gouvernement burundais. Comment est il possible qu’on autorise les gens soutenant les poutchistes àmettre le pied dans le pays. Les africains ont un point commun celui de ne pas pouvoir prévoir et détecter les pièges tendus par l’ennemi. On attend dire que ce qui s’est produit au Rwanda voisin ne se produira jamais au Burundi, mais c’est faux, car les hutu sont toujours les malvoyants. Un ennemi ne peut en aucun cas redevenir un ami. À bon entendeur,. .........

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.