IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rev. Sylvestre BIZIMANA : ’’Gutanga inyigisho mu rwaruka vyotuma amahoro (...)

Rev. Sylvestre BIZIMANA : ’’Gutanga inyigisho mu rwaruka vyotuma amahoro atsimbatara.’’

mercredi 5 Mukakaro 2017

Rev. Pasteur Sylvestre BIZIMANA arongoye inama nkuru y’amashengero mu Burundi (CNEB) amenyesha ko gutanga inyigisho mu rwaruka, bizotuma amahoro atsimbatara kurusha, kuko ari rwo Burundi rw’ejo.

Rev. Pasteur Sylvestre BIZIMANA yavuze ko igihugu c’Uburundi caronse icigwa gikomeye kijanye n’uko ibindi bihugu vyahoze mu ndyane vyakoze, kugira bironke amahoro n’umutekano, gutyo bikazotuma n’Uburundi bubifatiyeko akarorero bushobora kuronka amahoro arama.

Rev. Pasteur Sylvestre BIZIMANA avuga ko ingorane zamyeho hagati y’abantu, ariko igikomeye ari ukumenya ukwo bokora mu gutorera umuti ibibazo igihugu kiba kirimwo atanumwe ashizwe ku ruhande.

Sylvestre BIZIMANA yavuze ati : “ Amatati ni kimwe mu bigize umuntu ariko duhamagariwe kumenya inzira twocamwo kugira dutorere inyishu amatati yacu .“

Abitavye iyo nama mpuzamashengero yamaze imisi itatu bashizeho ibikorwa biyemeje bagiye gukora kugira amahoro atsimbatare mu karere ka Afrika.

Muri ivyo harimwo kugendera ubumwe no kutagira aho bahengamiye mu vya Poritike, gukorana n’amashirahamwe yo mu karere n’ayo muri afrika akora mu bisata bijanye no gutsimbataza amahoro, ayakora mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro rusangi.

Ibindi biyemeje gukora ni guhimiriza abarongozi ba Poritike kwama bategura amatora mw’ituze no mu bwigenge,kwama bigisha ibijanye n’amahoro ,kwigisha ibijanye no kwubaha agateka ka zina muntu,kwigisha ubumwe mu bantu no kunywana na cane cane hagati y’Abanyeporitike n’urwaruka.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.