Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge & Makamba : Impunzi 7951 ziva muri Kongo nizo zimaze (...)
Rumonge & Makamba : Impunzi 7951 ziva muri Kongo nizo zimaze kwakirwa
mardi 30 janvier 2018
Amakuru ava k’urubuga rwa Twitteur rw’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko impunzi 6140 zashikiye mu ntara ya Rumonge, mu gihe abashika1811 nabo bashikiye muri komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba.
Izo mpunzi ziva mu gihugu ca Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, zimenyesha ko zihunga intambara zihuza abasirikare b’igihugu hamwe n’abarwanyi b’umurwi wa Mayi Mayi Yakutumba zibera mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko.
- Impunzi zavuye muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, mu Rumonge
Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge, bamenyesha ko abamaze kwakirwa bamwe baca bajanwa mu makambi y’impunzi, naho hari abandi bobo basaba ko bosubizwa mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
BIKORIMANA Vianney
Messages
31 janvier 2018, 20:58, par Ndizeyimana Blessing Joy
Abaribakwiye Guhabwa Ivyobirwati Baribabikwiye Baribande .
31 janvier 2018, 21:21, par NIYOMWUNGERE PROSPER
UBURUNDI BWOGOROYE YEMWE INRYA ZABONETSE INZARAYAHEZE .ARIKO NTIDUSESAGURE.TUBIBUNGABUNGE.