IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Umuryango w’umuyobozi ajejwe inyigisho zo gusoma no kwandika usaba (...)

Rumonge : Umuryango w’umuyobozi ajejwe inyigisho zo gusoma no kwandika usaba ko uwabo arekurwa

mercredi 21 février 2018

Amakuru ava aho mu ntara ya Rumonge amenyesha ko Desiré NDAYIRAGIJE yinjijwe agasho nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice z’umugoroba, inyuma yo kurindira kuva isaha zibiri z’igitondo ko yakirwa n’umushikirizamanza ariko ntiyakirwa, nk’uko vyari ku mutahe wamuhamagaza.

Amakuru dukesha abegereye Desiré NDAYIRAGIJE, amenyesha ko yagerageje gusaba ko yotaha kugira azokwitabe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018 mu gatondo, ariko bikaba impfagusa.

Desiré NDAYIRAGIJE asanzwe yatowe kandi mu nama mpanuzwajambo ya komine Burambi, intara ya Rumonge, ku ruhande rw’Urunani rw’Abigenga Amizero y’abarundi, akaba yaraye ijoro ryiwe rya mbere mu gasho, ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge.

Abo mu muryango wiwe, basaba ko Desiré NDAYIRAGIJE arekurwa, kuko gushika ubu atana kimwe babona ariko arazira.

Mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi baremeza ayo makuru y’umukozi abakukira, ariko bakavuga ko, nabo bataramenya icatumye ahagarikwa.

Twagerageje kurondera umushikirizamanza mu ntara ya Rumonge, ariko ntitwashoboye kumuronka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.