IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rutovu : Umukobwa yicumise imbugita inyuma yo gushaka gucumita uwo bapfa (...)

Rutovu : Umukobwa yicumise imbugita inyuma yo gushaka gucumita uwo bapfa umuhungu.

samedi 10 février 2018

Amakuru ava kuri Lycee Rutovu, amenyesha ko vyose vyatanguye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018, igihe bari bavuye mu misa, aho Diane NIYUBAHWE asanzwe yiga mu mwaka wa 12 yagerageza gucumita mugenziwe babana mu cumba amuhora ko yoba akundana n’umuhungu nawe akunda.

Ayo makuru amaze kumenyekana mu bayobozi b’ishuri rya Lycee Rutovu, baciye bakorana, baca bafata ingingo yo kwirukana burundu uwo munyeshuri Diane NIYUBAHWE, aca afata ingingo yo kwicumita akoresheje imbugita.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ubu ariko avurirwa muri bimwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.