IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi : Abunguruza abantu basabwe gusubira ku biciro bahorako

Ruyigi : Abunguruza abantu basabwe gusubira ku biciro bahorako

jeudi 25 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo arongoye intara ya Ruyigi yamenyesheje ko imyidogo iri mu bunguruza abantu mu Ruyigi iri myinshi, abo biyunguruza bakavuga ko abakora umwuga w’ukwunguruza abantu bishingira ibiciro uko bashaka, rimwe na rimwe bakarwiza na kabiri ibiciro vyari bihari.

Abdallah Hassan, Buramatari w’intara ya Ruyigi, mw’itangazo yasohoye, yategetse ko ibiciro vy’ukwiyunguruza vyosubira uko vyahora, mu kurindira inama izoba kuri uwu wa mbere, kugira abakorera mu gisata c’ukwunguruza abantu bumvikane ku giciro boshinga ata wikitse mu kiza, kandi atawukora ahomba.

Mu kurindira iyo nama, ibiciro vy’ukwiyunguruza ku banyagihugu bo mu Ruyigi, bisabwa gukurikizwa ni ibi bikurikira :

Ruyigi - Gitega : Ibihumbi bitanu vy’amarundi

Ruyigi - Cankuzo : Ibihumbi bine vy’amarundi

Ruyigi - Gisuru : Ibihumbi bitanu vy’amarundi

Mu gihe Buramatari w’intara ya Ruyigi avuga ko Reta y’Uburundi yorohereje abantu biyunguruza mu gukora amabarabara, abazorenza ivyo biciro vyahahora babwiwe ko bazohanwa n’amategeko.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.