IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi-Bwagiriza: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu asaba impunzi (...)

Ruyigi-Bwagiriza: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu asaba impunzi kwubaha amategeko azigenga

samedi 5 Myandagaro 2017

Mu rugendo yagize muri iyo kambi,umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yavuze ko hariho impunzi z’isohoka ikambi ata ruhusha zifise zikaja kurondera ikarata ndangamuntu y’Uburundi kandi batabifitiye uburenganzira.

Pascal BARANDAGIYE yagasbishije abafasha izo mpunzi kuronka amakarata karangamuntu ko bazobihanirwa vy’akarorero,aca asaba amashirahamwe HCR na ONPRA guhana impunzi zikoresha karangamuntu y’Uburundi.

Ku mpunzi zitwara nabi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu guhagarika amategeko agenga impunzi, ku bakozi babifisemwo uruhara asaba ko bahagarikwa mu kazi.

Ikambi y’impunzi y’i Bwagiriza irimwo impunzi 9468 ziva mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.