IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi-Bweru:Bamwe mu bakozi ba Reta basaba ko ingingo yo kurihishwa (...)

Ruyigi-Bweru:Bamwe mu bakozi ba Reta basaba ko ingingo yo kurihishwa amafaranga 5000 ihagarara

vendredi 9 Ruheshi 2017

Abakozi ba Reta muri Komine ya Bweru na cane cane abatari mu mugambwe CNDD-FDD bamenyesha ko ingingo yo kurihishwa amafaranga ibihumbi bitanu ku muntu ari iyije kubacinyiza na burya igihugu kirangwamwo ubukene.

Abo bakozi ba Reta batari mu mugambwe CNDD FDD basaba ko ingingo yo kurihishwa iyo ntererano yofata abari mu mugambwe CNDD-FDD bonyene, kuko bisa n’uko umukuru w’umugambwe yobasaba gutanga iyo ntererano yubaka inzu yiwe.

Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri komine Bweru, Josaphat BWAMPAMYE aremera ko hari amafaranga ariko arasabwa kugira afashe mu kwubaka ingoro y’umugambwe, ariko akavuga ko abayoboke b’umugambwe CNDD-FDD bakorera Reta aribo bonyene basabwa iyo ntererano.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.