IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi:Ihuriro ry’abepisikopi katorika muri Afrika yo hagati bagendeye (...)

Ruyigi:Ihuriro ry’abepisikopi katorika muri Afrika yo hagati bagendeye impunzi

samedi 13 janvier 2018

Abagize ihuriro ry’abepisikopi katorika mu karere ka Afrika yo hagati bari baherekejwe n’umuhanuzi mukuru wa buramatari,icegera c’uwuserukira HCR mu Burundi, n’abandi bakorera mu gisata c’impunzi.

Mw’ijambo ryiwe, umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Ruyigi yamenyesheje ko mu Burundi bwose eka mbere no mu ntara ya Ruyigi hari amahoro, aca asaba abepisikopi katorika guhamagarira abarundi bahungiye mu Rwanda no mu gihugu ca Kongo gutahuka mu gihugu.

Umukuru w’ihuriro ry’abepisikopi katorika mu karere ka Afrika yo hagati ACEAC yavuze ko bari bajanye ubutumwa bw’umwungere wa Ekleziya katorika kw’isi, ubwo yama ashikiriza impunzi, ubwo nabwo bukaba bushingiye ku bintu bine : Kwakira, gukingira, guteza imbere, no kubaha ikibanza.

Mwomenya ko urwo rugendo abepisikopi katorika bo mu karere ka Afrika yo hagati barugize ku rutonde rw’ibikorwa biriko birabahuza kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 13 Nzero 2018, mu ntara ya Gitega.

Abo bepisikopi bakaba baboneyeho n’akaryo ko guha infashanyo z’infungurwa ku mpunzi zisinzikaye gusumba izindi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.