IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 6 barishwe,25 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

SOS-Torture: 6 barishwe,25 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

lundi 13 Ntwarante 2017

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abantu 6 aribo bishwe, 25 nabo bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi imwe, kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 11 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture ryama risohora, rimenyesha ko abantu batandatu bishwe mu ntara zitandukanye z’igihugu. Rimenyesha ko umwe yatowe ari ikiziga mu ruzi Mubarazi ruri mu htara ya Muramvya.

Muri ico cegeranyo ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abandi bantu babiri biciwe muri komine ya Rugombo,intara ya Cibitoki ,umwe atorwa ikiziga ku mutumba kibuye muri komine Bukirasazi iri mu ntara ya Gitega, hamwe n’abandi babiri biciwe mu ntara ya Rumonge.

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abantu batatu bahohotewe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi muri komine Nyabitsinda yo mu ntara ya Ruyigi, muri abo harimwo umwigeme yahohotewe.Abandi bahagaritswe bahagarikiwe mu ntara ya Cibitoki, muri komine ya Rugombo.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture kimenyesha ihagarikwa hadakurikijwe amategeko rikorwa na bamwe mu rwaruka ruva mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, abandi bakaba ari bamwe mu bari mu nzego zo gucungera umutekano.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.