IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 4 bishwe, 7 barahagarikwa mu ndwi imwe

SOS-Torture : Abantu 4 bishwe, 7 barahagarikwa mu ndwi imwe

lundi 19 Ruheshi 2017

Nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi cama gisohoka uko indwi iheze, ibitigiri vy’abapfungwa bibandanya kwiyongera naho nyene haheruka gupfungurwa abatari bake inyuma y’ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu.

Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture Burundi riragaruka kandi ku gitero ca gerenade cabaye ku Musaga gihitana umuntu umwe yitavye Imana n’abandi icenda bakomeretse.

SOS-Torture Burundi ibicishije muri ico cegeranyo iragaruka kandi ku banywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bamaze iminsi bahagarikwa mu ntara ya Gitega, kandi bagahagarikwa ata mpapuro zibereka igituma bahagaritswe.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko ibikorwa vyo guhagarika abantu bikorwa na bamwe mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD ruri kumwe na bamwe mu baporisi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.