IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sitasiyo zitatu zidandaza igitoro zahagaritswe ku kiringo c’iminsi (...)

Sitasiyo zitatu zidandaza igitoro zahagaritswe ku kiringo c’iminsi indwi

jeudi 15 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Izo zugawe ni "Station Mogas Kigobe, Mogas NYakabiga hamwe na Kigobe City Oil zahagaritswe mu kiringo c’iminsi indwi, kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2017.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bumenyesha kandi ko ibitoro vyafashwe binyegejwe muri izo Sitasiyo bigiye gushikirizwa ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda, kugira bikoreshwe mu bikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu.

Ama Sitasiyo yose yasabwe kuba afise ivyapa vyerekana ko ariko arakora canke yugaye, bitarenze kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi. Abatazokwubahiriza ivyo bisabwe bakaba babwiwe ko ibihano bikomeye bitegekanijwe.

Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji Come MANIRAKIZA ajejwe amasoko ntanganguvu, yamenyesheje ko n’amasaha y’ukudandaza igitoro yongeweko amasaha abiri, kuva kuri uwu wa gatatu. Ama Sitasiyo adandaza igitoro akaba arekuriwe gukora kuva isaha cumi na zibiri z’agatondo, gushika isaha zitatu z’ijoro. Aho ni mu gihe mu ngingo iheruka y’ubwo bushikiranganji, ayo masitasiyo yari arekuriwe gukora gushika isaha imwe y’ijoro.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.