IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana mu gitero c’abarwanyi ba Al (...)

Abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana mu gitero c’abarwanyi ba Al Shabaab

vendredi 2 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko iyo miduga yari yanguruje abasirikare b’Abarundi bagera kuri 49 yategerewe nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu igeze ku birometero 50 ivuye mu gisagara ca Mogadisco, mu gihugu ca Somaliya. Yari igeze aho bita Jowhar.

Nk’uko bivugwa na Colonel Gaspard BARATUZA, abo basirikare bari bashiriye imfungurwa bagenzi babo, bakaba bategerewe n’abarwanyi ba Al Shabaab bateze iyo miduga igisasu co mu bwoko bwa "Mine", bongera babatera ikindi gisasu co mu bwoko bwa "Roquette". Abo basirikare b’Uburundi bari batewe baciye barasana n’abo barwanyi.

Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana muri ico gitero, abagera ku ndwi barakomereka, abandi bane baburirwa irengero.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, mu butumwa yacishije ku muhora wa "Twitter" yahojeje imiryango y’ababuze, amenyesha ivyabaye bitazoca intege igihugu c’Uburundi ciyemeje kurwanya iterabwoba.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.