IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU yarekuwe

Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU yarekuwe

vendredi 30 Kigarama 2016

Umukuru w’urunani mpuzamasendika COSYBU Tharcisse GAHUNGU yarekuwe ku mugoroba wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama 2016.

Nkuko amakuru dukesha abegereye ibiro vy’umuhuza w’abarundi abimenyesha, umuhuza w’abarundi yoba yaterereye cane kugira umukuru wa COSYBU ari kumwe n’umukuru wa sendika y’abakozi ba COGERCO na SODECO hamwe n’umufashabikorwa wabo.

Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU yarekuwe inyuma y’ikete urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye ryandikiye umuhuza w’abarundi rumumenyesha ifatwa n’ipfungwa ry’uwurongoye COSYBU nabo bari kumwe,rumusaba kandi guterera kugirango arekurwe kuko ivyo yakoze vyari bikurikije amategeko.

Umukuru w’urunani mpuzamasendika COSYBU n’abo bari kumwe, bari bafashwe kuwa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama, muri zone Ijenda, Ikomine ya Mugongo-Manga, mu ntara ya Bujumbura yagirizwa kugirisha inama atabifitiye uburenganzira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.