Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU yarekuwe
Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU yarekuwe
vendredi 30 Kigarama 2016
Umukuru w’urunani mpuzamasendika COSYBU Tharcisse GAHUNGU yarekuwe ku mugoroba wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama 2016.
Nkuko amakuru dukesha abegereye ibiro vy’umuhuza w’abarundi abimenyesha, umuhuza w’abarundi yoba yaterereye cane kugira umukuru wa COSYBU ari kumwe n’umukuru wa sendika y’abakozi ba COGERCO na SODECO hamwe n’umufashabikorwa wabo.
Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU yarekuwe inyuma y’ikete urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye ryandikiye umuhuza w’abarundi rumumenyesha ifatwa n’ipfungwa ry’uwurongoye COSYBU nabo bari kumwe,rumusaba kandi guterera kugirango arekurwe kuko ivyo yakoze vyari bikurikije amategeko.
Umukuru w’urunani mpuzamasendika COSYBU n’abo bari kumwe, bari bafashwe kuwa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama, muri zone Ijenda, Ikomine ya Mugongo-Manga, mu ntara ya Bujumbura yagirizwa kugirisha inama atabifitiye uburenganzira.
IGIHE
Messages
30 Kigarama 2016, 22:11, par Pacifique Niyubahwe Co.Mbuye
Pore Sana.Urumushingantah Pe .Imana Igufitiyumugambi
31 Kigarama 2016, 13:55, par maso
uwuramvye azobona! kandi mwitegure umuhero urashise. usanga edouard nduwimana asigaye akora iciza nk, ico. twari tumumenyereye mubwicanyi none asigaye akiza abantu! haaaa.
1er Nzero 2017, 06:17, par MUKIZWA Shumbusho
DUKWIYE GUSENGA CANE!