IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Burundi bwabaye ubwa mbere mu kurwanya SIDA muri Afirika

U Burundi bwabaye ubwa mbere mu kurwanya SIDA muri Afirika

mardi 20 Munyonyo 2012

U Burundi bwaraye butahukanye ikibanza ca mbere muri afirika mu kugwanya umugera wa SIDA biciye mu gutanga ibiganiro mu maradiyo, ibimenyeshamakuru n’ibiterano. Amahiganwa yabereye mu gihugu ca Tanzaniya, mu gice ca nyuma hashitse i bihugu cumi na bine gusa.

Iryo higanwa ryama ritunganywa uko umwaka utashe n’ishirahamwe ryo mu gihugu ca Uganda ryitwa AFRICOMNET, African Network for Strategic Communication in Health and Development. Iryo higanwa ritunganywa mu ntumbero yo kwiga no gukoresha uburyo bugezweho bwo kurwanya ikiza SIDA.

I gihugu c’u Burundi caserukiwe n’ishirahamwe ADRA-Burundi. Mu gice ca nyuma hashitseyo ibihugu cumi na bine harimwo u Burundi.
Umugambi wavuye mu Burundi witwa ‘’ Breaking the silence’’ uca mu kigiganiro citwa ’’ Ngeza mu bigero’’ niwo wabaye uwa mbere hanyuma u Burundi buca butahukana agashimwe ka mbere.

Ico kiganiro gica ku maradiyo ane ariyo iradiyo y’igihugu, iradiyo Nderagakura, iradiyo Star FM hamwe n’iradiyo Agakiza. Gihimiriza abana bo mu mashure matomato kurwanya ikiza SIDA no gukingira agateka k’abana muri rusangi.

Ishirahamwe ADRA-Burundi rirashima ico kibanza ryatahukanye. Fabien Bakundukize arongoye imigambi muri iryo shirahamwe avuga ati ‘’Twaranezerewe tubaye abambere, kandi vyaduhaye inguvu zo kubandanya umugambi twihaye wo kurwanya ikiza SIDA’’.
Yamenyesheje kandi ko umugambi w’iryo shirahamwe watumye abana benshi bamenya ingene bokwirinda umugera wa SIDA.

Mu bihugu vya afirika vyariko birahiganwa n’u Burundi mu gice ca nyuma harimwo nka Kenya, Uganda, Nigeriya, Kongo, Malawi, Zambiya, afirika y’epfo, Tanzaniya,Etiyopiya n’ibindi.

N’aho u Burundi bwatahukanye ikibanza ca mbere muri ayo mahiganwa, ibiharuro vy’abantu bagendana umugera wa SIDA bibandanya kwiyongera. Iryo shirahamwe ADRA-Burundi ryaserukiye u Burundi rivuga ko impinga ikiri ndende mu kurwanya ico kiza ca SIDA.


Bonesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.