Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE isaba Reta kubandanya igikorwa co kurekura abanywanyi b’umugambwe MSD (...)
UE isaba Reta kubandanya igikorwa co kurekura abanywanyi b’umugambwe MSD bagipfunzwe
vendredi 27 Nzero 2017
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba Reta y’Uburundi kubandanya igikorwa co kurekura abanywanyi b’umugambwe MSD bahagaritswe mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2014,hamwe n’abahagaritswe mu myiyerekano yo mu mwaka wa 2015.
Mw’itangazo ry’Ishirahamwe ry’Umurwi w’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi,bamenyesha ko igikorwa co kurekura abapfungwa kiri mu nzira yo kurondera amahoro ,no gutorera inyishu indyane za politike ziri mu gihugu.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rifata iryo pfungurwa nk’inyishu ya mbere ku bisabwa n’amasezerano ya Cotonou,mu ngingo yayo ya 96.
Igikorwa co kurekura abapfunzwe bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu catanguye kuwa mbere igenekerez rya 22 Nzero 2017,gitangurira kw’ibohero rikuru rya Mpimba,gihagarikiwe n’umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2017, 14:05, par Musaga
Bandanya mudufyondera abo ba DD,mutunyarukirize mubashengeze imbere ya sentare i la Haye,bravo l’Union Europeene
27 Nzero 2017, 18:16, par Grâce
Bafungure Aba MSD Gusa Abandi Bagumeyo!?Eweeeee!!Imana Ibafashe